ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/14 rup. 5
  • Ukubura ivyawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukubura ivyawe
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE WOVYIFATAMWO
  • Igihe ushikiwe n’ivyago
    Be maso!—2014
  • Ukubura uwawe
    Be maso!—2014
  • Ubusuku bwo gutabara
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Nuhumurize abatuntuye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Be maso!—2014
g 7/14 rup. 5
Ivyasambuwe n’ikinyamugigima be n’igisebuzi cataziriwe tsunami

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOVYIFATAMWO USHIKIWE N’IVYAGO

Ukubura Ivyawe

Ku wa gatanu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2011, ikinyamugigima c’ubukomezi bw’ibipimo 9 carateye mu Buyapani, gihitana abantu barenga 15.000, conona n’ibintu bifise agaciro k’amadolari y’Abanyamerika arenga imiliyaridi 200. Igihe umugabo yitwa Kei w’imyaka 32 yamenya ko hagira hatere ca gisebuzi cataziriwe tsunami, yaciye ahungira ahantu hakirurutse. Avuga ati: “Bukeye mu gitondo, narasubiye i muhira kuraba ko hari ico nohatora, nca nsanga vyose amazi yabitwaye mu kiyaga, ushizemwo n’inzu yanje. Hari hasigaye umushinge wayo gusa.

Kei

“Vyasavye igihe kugira ntahure ko ntari natakaje ibintu bimwebimwe gusa ahubwo ko nari natakaje ivyanje vyose. Vyose vyari vyagiye: uri imodoka yanje, orodinateri zanje z’akazi, amameza, intebe, ifoteyi nakirirako abashitsi, ipiyano, igitari, agatari k’imirya ine n’umwironge, ibikoresho vyo gucapa nkoresheje amarangi y’amazi, ay’amavuta n’uducapisho; amashusho yanje yose n’ibicapo vyanje vyose.”

INGENE WOVYIFATAMWO

Nugerageze gushira umutima ku vyo ugifise aho kuwushira ku vyo watakaje. Bibiliya ivuga iti: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Kei aravuga ingene yabigenjeje ati: “Nabanje kugira urutonde rw’ivyo nipfuza, ariko nasanze runyibutsa ivyari vyatwawe vyose. Naciye mfata ingingo yo kugira urutonde rw’ivyo nari nkeneye gusa vy’ukuri, nza ndaruhindura uko nagenda ndaronka ivyo naba nkeneye. Urwo rutonde rwaramfashije gutangura ubuzima bushasha.”

Aho kuguma wiyumvira ivyawe gusa, nukoreshe ivyagushikiye mu kuremesha abandi. Kei avuga ati: “Narungukiye cane ku mfashanyo ya leta no ku mfashanyo abagenzi bampaye. Ariko naratanguye kwumva umengo nta co maze kubera ko naguma ndonka ariko jewe ntatanga. Naciye nibuka amajambo yo muri Bibiliya dusanga mu Vyakozwe 20:35 avuga ko ‘gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.’ Kubera ko ata bintu vyinshi nari ntunze nashobora gutanga, naciye ngerageza kuza ndaremesha abandi bari bashikiwe n’ico cago. Kugaragaza agatima ko gutanga muri ubwo buryo vyaramfashije cane.”

Nusabe Imana ubukerebutsi bwogufasha kuvyifatamwo neza. Kei yarizigiye amajambo ahumuriza yo muri Bibiliya avuga ko Imana itabura “guhindukira ngo yumve isengesho ry’abakobwe ibintu vyose.” (Zaburi 102:17) Na wewe urashobora kuyizigira.

Wari ubizi? Bibiliya ivuga ko umusi uri izina ata wuzoba agitinya ko yohava atakaza utwiwe biturutse ku cago c’icaduka.a—Yesaya 65:21-23.

a Kugira umenye umugambi Imana ifitiye isi, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika