Ikintu gifise agaciro kuruta ubuzima dufise ubu
Nk’uko vyavuzwe na Murat Ibatullin
Mu 1987, Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe amagara y’abantu bwarandungitse mu Buganda, muri Afrika. Nari nemeye gukorerayo ndi umuganga mu kiringo c’imyaka ine. Mu vy’ukuri, sinipfuza na gato gusubira mu Burusiya, mugabo nari nizigiye kuronka ubuhanga muri ico gikorwa bwomfashije gukorera mu bihugu nka Kanada, Leta Zunze Ubumwe za Amerika canke Ostraliya. Mugabo mu 1991 imigambi yanje yari imaze guhinduka, ari co gituma nasubiye mu Burusiya. Reka ndabasigurire icatumye iyo migambi ihinduka.
NAVUTSE mu 1953 mu gisagara ca Kazan,’ umugwa mukuru wa Repubulika ya Tatarstan mu Burusiya bwo hagati. Abavyeyi banje ni Abanyatatari, kandi benshi mu Banyatatari ni Abisiramu. Ndibuka yuko nkiri umwana nabona sokuru na nyokuru bapfukama bagasenga Allah. Abana babo, harimwo n’abavyeyi banje, baratubwira ngo ntitubabuze amahoro bakongera bakadusohora mu cumba. Abavyeyi banje baratuvunira urugohe, bakamera nk’abamaramaye kubera yuko bari barabaye Abakomunisita, ico gihe bakaba bavuga yuko batemera Imana.
Igihe nari mfise imyaka ine, narafashwe n’indwara y’ubukangwe yateye irya nyuma muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Ndibuka ingendo nyinshi twagira igihe nari nkiri umwana tuja mu bitaro no mu bigo bibungabunga abarwayi bitandukanye tugiye kwipimisha. Ndibuka ko sokuru yasenga asaba yuko nokira. Naripfuza kugira amagara meza nk’abandi bana, ari co gituma naho nari mugaye ukuguru, nakina umupira w’amaguru be n’urukino bakinisha ibibando rwitwa hockey, hamwe n’izindi nkino.
Uko nagenda ndakura, ni ko natsimbataza icipfuzo co kuba umuganga. Sinakunda ivy’Imana, eka kandi sinahakana ko Imana iriho. Sinigera gusa niyumvira ibijanye n’Imana. Ico gihe, naranebagura ivyiyumviro vy’Abakomunisita kandi narakunda guharira na dawe be n’umugabo wa mamawacu. Uwo mugabo yigisha filozofiya muri kaminuza, dawe na we akaba yakorera ca gipolisi cari kijejwe iperereza citwa KGB. Igihe narangiza ishure ry’ivy’ubuganga, nari mfise imigambi yo kuba umuhinga mu vyo kubaga ibihimba vyo mu mutwe no kwimukira mu kindi gihugu.
Ndondera ubuzima bwiza
Mu 1984, nararangije amashure ahanitse mu bijanye no gupima ibivyimba vyo mu bwonko. Mu nyuma, mu 1987, nararungitswe mu Buganda ku bitaro vy’i Mulago. Narimukiye muri ico gihugu ciza ndi kumwe n’umukenyezi wanje Dilbar hamwe n’abana bacu Rustem na Alisa, ico gihe umwe akaba yari afise imyaka indwi uwundi ine. Gukorera kuri ivyo bitaro ntivyari vyoroshe kandi mu gikorwa nakora harimwo no kubaga abarwaye umugera wa Sida. Akenshi narafata ingendo nkaja ku bindi bitaro vyari muri ico gihugu, kubera yuko ico gihe mu Buganda hariho abaganga babiri gusa bazi kubaga ibihimba vyo mu mutwe.
Umusi umwe, twe na Dilbar twarabonye ari bwo bwa mbere Bibiliya y’ikirusiya aho bagurishiriza ibitabu mu Buganda. Twaraguze izitari nke kugira ngo tuzirungikire abagenzi muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, kubera ko ico gihe vyasa n’ibidashoboka kugura Bibiliya muri ico gihugu. Twarasomye ibigabane bikeya vyo muri iyo Bibiliya mugabo dusanga iragoye cane gutahura ku buryo twaciye duhagarika.
Ariko rero, twaramaze imyaka itatu tuja mu madini atandukanye yo mu Buganda twongera tugerageza gutahura ivyo abantu baho bemera be n’icatuma banezerererwa ubuzima. Narafashe kandi ingingo yo kwiga Ikorowani mu rurimi yanditswemwo mu ntango. Nkako, twe na Rustem twariyandikishije kugira ngo twige icarabu. Haciye amezi makeyi, twari dusigaye tuvuga icarabu co mu buzima bwa misi yose.
Nko muri ico gihe nyene, twarabonanye n’abamisiyonari bigisha Bibiliya ari bo Heinz Wertholz n’umukenyezi wiwe Marianne, bano bakaba baturuka mu Budagi no muri Ostraliya. Mu kiganiro twagiraniye ubwa mbere, ntitwigeze ducishamwo ivy’Imana. Twari tumeze nk’abandi Banyaburaya abo ari bo bose bahuriye muri Afrika. Twarababajije igituma bari mu Buganda maze turamenya ko bari abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova be n’uko bari muri ico gihugu kugira ngo bafashe abantu kwiga Bibiliya.
Naciye nibuka yuko igihe kimwe turi mu cigwa ca filozofiya kuri kaminuza mu Burusiya, twabwiwe yuko Ivyabona ari akadumbi k’idini be n’uko batanga abana babo kw’ibimazi maze bakanywa amaraso yabo. Narabibwiye Heinz na Marianne kubera ko ntashobora kwemera yuko bokwemeye kugira ikintu nk’ico. Twe na Dilbar umwe wese yaremeye kwakira igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi,a kandi mu masaha makeyi twari tumaze gusoma igice kinini caco. Igihe nahagarika gusoma maze nkabaza Dilbar ukuntu yiyumva, yambwiye ko aryohewe cane n’ivyo yariko arasoma ku buryo yumva amerereje! Naciye ndamubwira yuko na jewe numva merewe gutyo.
Inyuma y’ivyo, twari dushashaye kwongera kuyaga na Heinz be na Marianne. Igihe twari kumwe na bo, twaraganiriye ibintu vyinshi. Ivyo twamenye ku bijanye na Bibiliya vyararushirije kudukora ku mutima. Twaravyuriwe umutima wo kubwira abagenzi hamwe n’abo twakorana ivyo twariko turiga. Muri abo harimwo uwaserukira igihugu c’Uburusiya, abakozi ba Leta y’Uburusiya n’ibindi bihugu bakorera mu Buganda hamwe n’uwaserukira Vatikano. Uno yaradutangaje mu kuvuga yuko Isezerano rya Kera ryari “ibitito ryose.”
Dusubira mu gihugu cacu c’amavukiro
Hasigaye ukwezi kumwe ngo dusubire mu Burusiya mu 1991, twe na Dilbar twarafashe ingingo yo kuba Ivyabona vya Yehova. Twibaza yuko tumaze gusubira i Kazan’, twociye ubwo nyene tubandanya kwitaba amakoraniro. Mugabo uretse ko twamaze amezi atatu tutaratora aho Ingoro y’Ubwami iri, ntitwashoboye kubona umuntu n’umwe dusangiye ukwemera, ivyo bikaba vyaratuvunye umutima cane! Twaciye dufata ingingo yo kuja kwamamaza inzu ku nzu, nk’uko Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi basanzwe babigira, naho nyene twabwirizwa kubigira twenyene. Ivyo vyatumye dutangura kwigana Bibiliya n’abantu bakeyi, harimwo n’umugore umwe yahavuye aba Icabona.
Inyuma y’aho, twaragendewe n’Icabona ageze mu zabukuru, uno akaba yari yaronse aderese yacu ayihawe n’Ivyabona bo mu Buganda. Twaciye dutangura kwifatanya n’umugwi w’abantu 15 bagirira amakoraniro mu kumba gatoya. Heinz na Marianne baguma bahanahana amakuru natwe, mbere bakaba baraje i Kazan’ kuturamutsa. Mu nyuma, twaragiye kubaramutsa i Bulugariya, kino kikaba ari co gihugu barungitswe gukoreramwo bavuye mu Buganda, ari na ho babandanya gukorera ubumisiyonari gushika n’ubu.
Igihugu canje c’amavukiro kivamwo ivyiza
Igihe cose ndonse akaryo, ndabwira ukuri kwo muri Bibiliya abo dukorana mu bitaro nkoreramwo mu Burusiya. Uko igihe cagiye kirahaca, benshi baravyakiriye neza maze baraba Ivyabona vya Yehova, aho hakaba harimwo n’abo dusangiye igikorwa c’ubuganga batari bake. Mu 1992, haciye umwaka umwe dushitse, umugwi w’Ivyabona w’i Kazan’ warongerekanye ushika ku bantu 45, mu mwaka ukurikira na ho, ushika ku bantu barenga 100. Muri iki gihe, i Kazan’ hari amashengero indwi y’Ivyabona, atanu akoresha ikirusiya, rimwe rikoresha ururimi rw’igitatari, n’irindi rikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Hariyo kandi imigwi ikoresha ikinyarumeniya n’icongereza.
Mu 1993, naritavye inama y’ivy’ubuvuzi i New York City, aho naronse akaryo ko kugendera icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn. Narabonanye na Lloyd Barry, akaba yariko arafasha mu bijanye no gutunganya ibikorwa vyo kwamamaza inkuru nziza Ivyabona vya Yehova barangura kw’isi yose. Naho yari afise vyinshi akora, yararondeye akanya ko kuyaga nanje.
Twarayaze ivy’uko hakenewe ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rw’igitatari. Haciye imyaka mikeyi, mu Burusiya harashinzwe umugwi w’abahinduzi uhindura mu rurimi rw’igitatari maze ibitabu vyo muri urwo rurimi biratangura kuboneka. Ese ukuntu inyuma y’aho twahimbawe igihe twatangura kuza turaronka Umunara w’Inderetsi, kino kikaba ari ikinyamakuru kigenewe kwiga Bibiliya! Gatoyi inyuma y’aho, harashinzwe ishengero rikoresha ururimi rw’igitatari.
Gukoresha ubuhinga bwo kugabanya itakara ry’amaraso
Ndashigikira amategeko yose y’Imana agenga ikibereye n’ikitabereye, harimwo na rya tegeko dusanga mu Vyakozwe 15:20 risaba abasavyi b’Imana “kwirinda . . . amaraso.” Umurongo wa 29 wongerako yuko abasavyi b’Imana bakwiye “[kwirinda] ivyashikaniwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, n’ubusambanyi.”
Ni co gituma igihe Ivyabona vya Yehova barondera kwivuza, basaba abaganga kwubahiriza ukuntu babona ibijanye no kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Naramaze igihe gito nkorana na Komite y’Ivyabona ija inama n’ibitaro i Kazan’.b Mu 1997, igihe akana k’umwaka umwe kitwa Pavel ko mu gisagara ca Novosibirsk kari gakeneye kubagwa vyihutirwa, nyina wako yaratwituye ngo tumufashe. Ico gihe, mu Burusiya hariho abaganga bakeyi babishoboye bemera kubaga badakoresheje amaraso. Twaramwemereye kumufasha kuronka umuganga yomubaze adakoresheje amaraso.
Ntitwatevye kwubura ibitaro bibaga umutima i Kazan’ vyarimwo abaganga bemeye kubaga ka Pavel. Ku wa 31 Ntwarante 1997, abo baganga barashoboye kukabaga badakoresheje amaraso maze baratunganya ingorane y’umutima ikomeye kari gafise (yitwa tetralogy of Fallot). Ku wa 3 Ndamukiza ikinyamakuru kimwe (Vechernyaya Kazan) cavuze giti: “Ako gahungu karamerewe neza, bikaba bitagikenewe ko gafata imiti y’umutima . . . Nyina wa ka Pavel yariruhukije ari ryo rya mbere mu mezi cumi na kumwe yari ahaciye.” Pavel ntiyatevye gukira aho bari bamubaze maze atangura kugendagenda muri koridoro y’ibitaro.
Ubu Pavel afise amagara meza kandi abayeho nk’abandi. Arakunda kwoga, guserereka kuri mwene vya bintu bimeze nk’ibibarafu, no gukina umupira w’amaguru. Yiga mu w’umunani kandi asenga Yehova ari kumwe na nyina wiwe, akaba ari mu bagize ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu gisagara ca Novosibirsk. Inyuma y’ico kintu cabaye, abaganga bo kuri ivyo bitaro nyene barashoboye kubaga badakoresheje amaraso Ivyabona vya Yehova batari bake barwaye umutima. Ivy’ubuvuzi i Tatarstan birabandanya gutera imbere, kandi abaganga benshi basigaye babaga abarwayi badakoresheje amaraso.
Igikorwa nkora muri iki gihe
Twe n’umukenyezi wanje, hamwe n’ibindi Vyabona, dukorera mu bitaro bivura abantu barwaye ibihimba vyo mu mutwe n’abarwaye umutima bikoresheje ubuhinga buhanitse. Turagira uruhara mu kubaga abantu batandukanye, na canecane kubaga abarwayi bashima ko hakoreshwa ubuhinga bwo kugabanya itakara ry’amaraso. Nkora igikorwa kijanye no gupima abarwaye ibihimba vyo mu mutwe ndabacishije mw’iradiyo nkongera nkitwararika ca gikorwa nkunda cane co kubaga ibihimba vyo mu mutwe ntakoresheje amaraso. Kubera ko ndi umwigisha mu gisata cigisha ibijanye no kuvura ibihimba vyo mu mutwe no kubibaga kuri Kaminuza y’ivy’ubuvuzi yo muri Leta ya Kazan’, ndashikiriza insiguro abanyeshure bigira ubuganga hamwe n’abaganga, nkagerageza kubafasha gutahura ivyiza vyo kuvura hadakoreshejwe amaraso.c
Umukenyezi wanje turakorana muri vya bitaro akaba ari umuhinga mu vyo gufotora no gupima ibihimba vy’imbere mu muntu. Turakunda igikorwa dukora kubera ko bituma dufasha abantu. Mugabo kubona ingene ukuri kwo muri Bibiliya kuvura abantu mu buryo bw’impwemu, biraduhimbara cane. Kubwira abantu umuhango Imana yatanze w’uko vuba kw’isi “[ata] wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye,’ ” biratunezereza cane.—Yesaya 33:24.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ntikigicapurwa.
b Komite zija inama n’ibitaro ni imigwi y’Ivyabona vya Yehova ifasha ibitaro n’abarwayi gusenyera ku mugozi umwe igihe havyutse ikibazo kijanye no guterwa amaraso.
c Uburyo bwo kuvura abantu hadakoreshejwe amaraso burakoreshwa mu gishingo co kubatera amaraso. Kubera ko hariho ingeramizi zijanye no guterwa amaraso, abantu benshi bo hirya no hino kw’isi bariko barirukira ivyo kuvurwa no kubagwa hadakoreshejwe amaraso. Ivyo guterwa amaraso birashobora gutuma umuntu yandura umugera wa Sida be n’izindi ndwara canke agafurutira.
[Ifoto ku rup. 26]
Aha nari umuganga muri Afrika
[Ifoto ku rup. 27]
Igihe twe n’umukenyezi wanje twatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mu 1990
[Ifoto ku rup. 28]
Aha nari nagiye kuraba Lloyd Barry igihe nari nagiye i Brooklyn muri New York mu 1993
[Ifoto ku rup. 29]
Uwu ni Pavel na nyina muri iki gihe
[Ifoto ku rup. 29]
Aha nari mu busuku ndi kumwe n’umukenyezi wanje Dilbar