Akajambo k'epfo
a Ushobora kuba umaze kwumva umusavyi wa Yehova amaze igihe kirekire amukorera avuga ati: ‘Sinigeze niyumvira ko noshaje nkiri muri iyi si mbi.’ Twese turashashaye kubona Yehova azanye umuhero, na canecane muri ibi bihe bigoye. Ariko rero, dutegerezwa kwiga kwihangana. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zodufasha kuba abantu barindira. Turaza no kurimbura imice ibiri, aho dutegerezwa kurindira Yehova twihanganye. Mu gusozera, turaza kubona imihezagiro abaguma barindiriye Yehova bazokwironkera.