Akajambo k'epfo
a Igice kigira kabiri ca 1 Abakorinto ikigabane ca 15, kirimwo amakuru y’ido n’ido yerekeye izuka, na canecane iry’abakirisu barobanuwe. Ariko rero, ivyo Paulo yanditse muri ico kigabane, birahambaye no ku bagize izindi ntama. Iki kiganiro, kiraza kutwereka ingene icizigiro c’izuka gikwiye kugira ico gikoze ku buzima bwacu ubu, congere kitwereke imvo zotuma twitega kazoza keza.