Akajambo k'epfo
f INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu ari mw’ishure, aracucagirwa ivyiyumviro bishigikira ivyo kumarana inambu kw’abasangiye igitsina. (Mu mico imwimwe, amabara y’umunywamazi barayakoresha bwa kimenyetso cerekana abamarana inambu n’abo basangiye igitsina.) Mu nyuma arafata umwanya wo kugira ubushakashatsi kugira yiyemeze ko ivyo yiga muri Bibiliya ari ukuri. Ivyo biramufasha gutsinda ikigeragezo gikomeye kimushikira.