Akajambo k'epfo
a Intumwa zaramaze imyaka nk’ingahe ziganira na Yezu zongera zikorana na we, kandi barabaye abagenzi somambike. Yezu yipfuza ko na twebwe tuba abagenzi biwe. Ariko rero, turafise intambamyi intumwa zitari zifise. Muri iki kiganiro, turarimbura zimwezimwe muri zo twongere tubone ivyiyumviro vyodufasha kugiranira ubugenzi somambike na Yezu be n’ingene twobuzigama.