Akajambo k'epfo
b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Kugira amaganya ni uguhagarika umutima canke kugira ubwoba bw’ikintu kanaka. Ivyo bishobora guterwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi, indwara, ingorane zo mu muryango canke izindi ngorane ducamwo. Twoshobora no kugira amaganya bivuye ku makosa twakoze kera canke ku ngorane twiyumvira ko zizodushikira.