Akajambo k'epfo
a Akenshi tubona ko Yehova ari Umuremyi wacu akaba na Segaba w’ijuru n’isi. Ariko rero, turi n’imvo nyinshi zotuma tubona ko ari Umuvyeyi adukunda kandi atwitwararika. Muri iki kiganiro turaza kubona izo mvo izo ari zo. Turaza kubona kandi igituma twokwizigira ko Yehova atazokwigera aduheba.