Akajambo k'epfo
d INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Amakoraniro tugira ku Ngoro y’Ubwami araduha uturyo twinshi two kugaragariza abandi impuhwe. Turabona (1) umukurambere ariko ayaga n’umwamamaji akiri muto na nyina wiwe abigiranye umutima mwiza, (2) sebibondo n’agakobwa kiwe bariko bafasha mushiki wacu ageze mu zabukuru kwinjira mu muduga, (3) abakurambere babiri bariko batega yompi mushiki wacu yipfuza ubuyobozi.