Akajambo k'epfo
b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ubutekereji. Abatekereza baragaragaza umutima mwiza mu vyo bagiranira n’abandi kandi bakaguma batekanye n’igihe basomborokejwe. Ukwicisha bugufi. Abicisha bugufi ntibagira ubwibone canke amanyama; babona ko abandi babaruta. Igihe tuvuze ko Yehova yicisha bugufi, bisobanura ko yitwararika abo asumba abigiranye urukundo n’imbabazi.