Akajambo k'epfo
a Abacukuzi b’ivya kahise barasanze mu bisigarira vya Yeriko intete nyinshi, bikaba vyerekana ko ico gisagara kitigeze gisugerezwa igihe kirekire canke ngo gikene ibifungurwa. Narirya Abisirayeli batari barekuriwe gusahura Yeriko, ico cari igihe ciza co kuhatera kuko cari ikiringo c’iyimbura kandi bakaba barashobora kuronka ivyimburwa vyinshi mu mirima.—Yos. 5:10-12.