Akajambo k'epfo
a Biri n’ico bivuze uravye ingene Yezu yagiye arakurikiranya vya bigereranyo yatanga vyerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Yabanje kuvuga icerekeye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” uno akaba ari umugwi mutoya w’abakirisu barobanuwe boyoboye igikorwa. (Mat. 24:45-47) Yakurikijeko ibigereranyo vyerekeye abafise icizigiro c’ijuru bose uko bangana. (Mat. 25:1-30) Mu nyuma, yatanze icerekeye abafise icizigiro co kuba kw’isi boshigikiye abavukanyi ba Kristu. (Mat. 25:31-46) Muri ubwo buryo nyene, iranguka ry’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli ryo mu gihe ca none, ubwa mbere na mbere ryerekeza ku vyashikiye abafise icizigiro c’ijuru. Naho ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi butama bugereranya abafise icizigiro co kuba kw’isi, ukwiyunga kuvugwa muri ubwo buhanuzi kuratwibutsa ubumwe burangwa hagati y’abafise icizigiro co kuba kw’isi n’abafise icizigiro c’ijuru.