Akajambo k'epfo
f Ingingo ya 16: Muri Daniyeli 12:3 havuga ko “abafise ugutahura kwimbitse [abakirisu barobanuwe] bazokayangana nk’ukwakaka kw’ikirere.” Igihe bakiri kw’isi, bakayangana mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ariko rero, muri Matayo 13:43 herekeza ku gihe bazokayangana mu Bwami bwo mw’ijuru. Imbere y’aha twiyumvira yuko ivyo vyanditswe vyompi vyerekeza ku gikorwa kimwe, ni ukuvuga igikorwa co kwamamaza.