Akajambo k'epfo
a Ibinjana nka bingahe imbere y’aho, ni ukuvuga mu 997 B.G.C., Abisirayeli bariciyemwo ubwami bubiri. Bumwe bwari ubwami bwa Yuda bwo mu bumanuko bwari bugizwe n’imiryango ibiri. Ubundi na bwo bwari ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, ubwitwa kandi Efurayimu kubera ko uwo wari wo muryango uhambaye kurusha iyindi yari ibugize.