Akajambo k'epfo
c Iyo nkuru iratanga uburorero bubiri bwerekana ukwo kutubaha. Kimwe coco, Itegeko ryaratomora ibihimba vy’ikimazi vyabwirizwa kwegukira abaherezi kugira ngo babifungure. (Gusubira mu vyagezwe 18:3) Ariko kw’itaberenakulo, abo baherezi babi bari bamaze gushinga uwundi mugenzo: baratuma abasuku babo bagacumita ikanya nini mu gisafuriya caba kiriko gitogoteramwo inyama, bagatwara ibipande vyizavyiza vyose iyo kanya yaba idugije! Ikindi na co, igihe abantu baba bazanye ibimazi vyabo ngo vyoserezwe ku gicaniro, abo baherezi babi baca batuma umusuku agaturubika nyene gutanga ikimazi, akamusaba inyama mbisi naho ibinure vy’ico kimazi vyaba bitarashikanirwa Yehova.—Abalewi 3:3-5; 1 Samweli 2:13-17.