Akajambo k'epfo
a Asa ashobora kuba ari we yakuyeho ibibanza bikirurutse vyari bifitaniye isano n’ugusenga kw’imana z’ikinyoma, ariko ntiyakuraho ivyo abanyagihugu basengeramwo Yehova. Canke na ho bishoboka ko ivyo bibanza bikirurutse vyoba vyasubiye kwubakwa mu gice ca nyuma c’ingoma ya Asa be n’uko vyakuweho n’umuhungu wiwe Yehoshafati.—1 Abm. 15:14; 2 Ngo. 15:17.