Akajambo k'epfo
a Kuba Yona yakomoka mu gisagara c’i Galilaya biri n’ico bivuze kubera yuko Abafarizayo bavuze ivyerekeye Yezu n’ubwibone n’akantu bati: “Sesangura urabe yuko hari umuhanuzi yohagurukijwe i Galilaya.” (Yohani 7:52) Abahinduzi n’abashakashatsi benshi batanga iciyumviro c’uko Abafarizayo bariko bafatira mu kivunga, bavuga yuko ata muhanuzi yoba yarigeze guhagurutswa canke yoshobora guhagurutswa i Galilaya, ahari hasanzwe hatazwi cane. Niba ari ukwo biri, abo bagabo bariko bariyobagiza ivya kahise hamwe n’ubuhanuzi.—Yesaya 9:1, 2.