Akajambo k'epfo
c Incabwenge zimwezimwe zerekana yuko ukwo gukorokera hasi kw’ikijuri gushobora kudasobanura gusa ugupfa kwaco. Zivuga yuko mu rurimi rwo mu ntango, ayo majambo ashobora kwerekeza ku nyoni iguye hasi irondera ivyo kurya. Hamwe vyoba ari vyo, vyoba bisobanura yuko Imana ibona ikongera ikitwararika ivyo inyoni igira ku musi ku musi, atari igihe gusa ipfuye.—Matayo 6:26.