Akajambo k'epfo
c Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopaedia Judaica) iratanga urutonde rw’amategeko “y’urusobangane kandi yinjira mu kantu kose ido n’ido” yagenga inyama “zibereye kuribwa”. Iravuga iminuta inyama zitegerezwa kumara mu mazi, ukuntu babwirizwa kuzikamura ziri ku rubaho, uko umunyu bazisigako waba umeze, be n’incuro zategerezwa kurongwa mu mazi akanye.