Akajambo k'epfo
a Imihira mwen’iyo ntimeze nka ya mamonasiteriyo y’Ubukirisu-bwitirano. Nta “babǒti,” ari bo bitwa “ba dawe,” bo muri ubwo buryo. (Matayo 23:9) Abavukanyi bahagarikiye abandi barahabwa icubahiro, ariko ubusuku barangûra buyobowe n’ingingo nyene zigenga abandi bakurambere.