Akajambo k'epfo
a Abafarisayo ni bo cane bǎri bene kubazwa ivy’ubwoko bw’idini y’Abayuda buhari kino gihe, ari na co gituma bidatangaje kubona idini y’Abayuda ikirondera ibikwēpero mu miziririzo myinshi yayo yongeweko yerekeye Isabato. Nk’akarorero, umushitsi agendeye ibitaro vy’idini nyorotodogisi y’Abayuda kw Isabato ashobora gusanga asanseri ija irihagarika yo nyene kuri buri gorofa kugira bene kuyikoresha boye gukora “igikorwa” kinyacaha c’ugufyonda ibuto yayo. Abaganga b’ikiyuda bamwebamwe barandikisha inkurikizwa wino icá iyonga mu misi mikeyi. Kubera iki? Imishina ukwandika ikwita “igikorwa,” ariko igasigura ko “ukwandika” ari ugusíga iharama riramba.