Akajambo k'epfo
b Ico kibanza ceranda muri rusangi cari ikintu gifise imero y’urukiramende cubatswe nk’inzu y’imbaho gipfutswe n’ihema rinini. Ariko rero, cari gikozwe mu bikoresho vyizavyiza, nk’inshato z’ivyogaruzi, impuzu zideshe bimwe biteye igomwe be n’imbaho zizimvye zometseko ifeza n’inzahabu. Ico kibanza ceranda cari cubatswe mu kigo gifise imero y’urukiramende kirimwo igicaniro c’agatangaza co gutangirako ibimazi. Uko igihe cagiye kirarengana, biboneka ko hari ibindi vyumba vyubatswe ku mpande z’iyo taberenakulo vyakoreshwa n’abaherezi. Bisa n’uko kimwe muri ivyo vyumba ari co Samweli yaryamamwo.