Akajambo k'epfo
c Bowazi yahaye Rusi ingero zitandatu zitazwi neza uburemere, kumbure akaba yashaka kwerekana yuko nk’uko imisi itandatu y’ibikorwa yakurikirwa n’akaruhuko k’Isabato, ari na ko imisi Rusi yari amaze acumukuzwa n’ubupfakazi itotevye kurangira akagira ‘akaruhuko’ kava ku kuronka umugabo n’urugo rutekanye. Ku rundi ruhande, izo ngero zitandatu zishobora kuba zangana n’ibiyozo bitandatu, zikaba kumbure ari zo Rusi yari ashoboye gutwara.