ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 8
  • Ingene wotsimbataza ukwihangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wotsimbataza ukwihangana
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki ukeneye ukwihangana?
  • Wogaragaza gute ukwihangana?
  • Turakeneye kwihangana mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Twigane ukwihangana kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 8
Umugabo arambiwe no kurindira umugore wiwe ariko aragura ibirato

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene wotsimbataza ukwihangana

“Buri musi, ukwihanga kw’umugabo n’umugore kurageragezwa. Utarubaka urwawe, womengo ukwihangana ntiguhambaye, ariko kurahambaye cane kugira umubano uroranirwe.”​—John.

  • Kubera iki ukeneye ukwihangana?

  • Wogaragaza gute ukwihangana?

  • “Ukwihanga kurahambaye”

Kubera iki ukeneye ukwihangana?

  • Iyo umaze kwubaka, urabona utunenge tw’uwo mwubakanye.

    “Iyo haheze igihe kinaka wubatse, biroroha cane ko utangura kwibanda ku tunenge tw’uwo mwubakanye. Iyo umaze gutangura kumwiyumvira nabi, biroroha cane ko utakaza ukwihangana.”​—Jessena.

  • Ukubura ukwihangana birashobora gutuma uvuga ibintu utabanje kwiyumvira.

    “Ndihutira cane guserura uko niyumva ku buryo bishika nkavuga ibintu ntabwirizwa kuvuga. Iyaba nihangana, mba mbanza kuzirikana nimba ivyo ngira mvuge bikenewe vy’ukuri, maze nkaraba nimba nobivuga canke ntobivuga.”​—Carmen.

    Bibiliya ivuga iti: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu.” (1 Abakorinto 13:4) Womengo birumvikana ko abantu babiri bakundana babwirizwa kugaragaza ukwihangana. Ariko si ko vyama. Umwe John twavuga agira ati: “Cokimwe n’izindi kamere, kubura ukwihangana biroroshe gusumba kugutsimbataza. Bisaba akigoro kugira umuntu agume agutsimbataza.”

Wogaragaza gute ukwihangana?

  • Igihe hadutse ikintu gituma bitoroha ko uguma wihanganye.

    Akarorero: Uwo mwubakanye akubwiye ikintu kikubabaza. Ubwo nyene uca wumva womwihora, ukamubwira ikintu kimubabaza.

    Ico Bibiliya ivuga: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.”​—Umusiguzi 7:9.

    Ingene wogaragaza ukwihangana: Banza utekane. Imbere yo kwishura, nufate ko uwo mwubakanye adafise intumbero yo kukubabaza. Igitabu kimwe (Fighting for Your Marriage) kivuga giti: “Nka twese dushira umutima ku vyo twiyumvira ko uwo twubakanye yashatse kuvuga, aho kuwushira ku vyo yavuze vy’ukuri.”

    Cokimwe no kwongera inkwi mu muriro, umugore arabwiye umugabo wiwe amajambo amubabaza, umugabo na we agaca amwihora; cokimwe n’umuriro uriko urazima, umugore arabwiye umugabo wiwe amajambo amubabaza ariko umugabo arihanganye

    Naho uwo mwubakanye yoba yashatse kukubabaza vy’ukuri, wihanganye ukareka kumwihora vyotuma ishavu rihwama aho kwunyura ibintu. Bibiliya ivuga iti: “Ahatagira inkwi umuriro urazima.”​—Imigani 26:20.

    “Nimba utanguye kwumva umengo umukenyezi wawe ni umwansi wawe, tekana gatoyi uzirikane icatumye umukunda maze ubwo nyene uce uraba ikintu ciza womukorera.”​—Ethan.

    Zirikana kuri iki kintu:

    • Uvyifatamwo gute igihe uwo mwubakanye akubwiye canke agukoreye ikintu kikubabaza?

    • Worushiriza gute kugaragaza ukwihangana ikindi gihe nivyagushikira?

  • Igihe uwo mwubakanye agumye akora ikintu kikubabaza.

    Akarorero: Uwo mwubakanye yama yacerewe, ukaguma umurindiriye maze bigatuma ishavu ritera riduga.

    Ico Bibiliya ivuga: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.”​—Abakolosayi 3:13.

    Ingene wogaragaza ukwihangana: Nugerageze gushira imbere umubano wanyu, ntushire imbere ivyo wewe ukeneye. Niwibaze uti: ‘Hamwe nobabazwa n’ivyabaye canke nkashwanira uwo twubakanye vyoba vyokomeza umubano wacu canke vyowonona?’ Vyongeye, niwibuke ko “twese dutsitara kenshi.” (Yakobo 3:2) Ivyo bisobanura ko hariho ibintu na wewe ukeneye kuryohora.

    “Rimwe na rimwe, ndihanganira umugenzi kuruta uko nihanganira umugabo wanje. Nibaza ko ari kubera marana umwanya munini n’umugabo wanje nkabona utunenge twiwe. Ariko ndamwihanganiye, mba nerekanye ko ndamukunda be n’uko ndamwubaha kandi ivyo birahambaye cane mu mubano wacu.”​—Nia.

    Zirikana kuri iki kintu:

    • Woba wihanganira utunenge tw’uwo mwubakanye?

    • Worushiriza gute kumwihanganira muri kazoza?

“Ukwihanga kurahambaye”

Jessena n’umugabo wiwe Hayden

“Ukwihangana kurahambaye kugira umubano uroranirwe. Kubera ko umubano uhuza abantu babiri badatunganye, ingorane ntizibura kwaduka canke mbere umwe akigira utuntu tubabaza uwundi. Tutihanganye, izo ngorane zoshobora kumera nk’umuswa ugenda urarya umubano.”​—Jessena n’umugabo wiwe Hayden.

Incamake: Ingene twotsimbataza ukwihangana mu mubano

Igihe hadutse ikintu gituma bitoroha ko uguma wihanganye

Imbere yo kwishura, nufate ko uwo mwubakanye adafise intumbero yo kukubabaza.

Igihe uwo mwubakanye agumye akora ikintu kikubabaza

Nushire imbere umubano wanyu, ntushire imbere ivyo wewe ukeneye. Niwibuke ko hariho ibintu na wewe ukeneye kuryohora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika