ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 14
  • Yohani Umubatizi yoba yarabayeho vy’ukuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yohani Umubatizi yoba yarabayeho vy’ukuri?
  • Ibindi biganiro
  • Ivyo bijanye
  • Ibara rigwa ku musi mukuru
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yohani Umubatizi yari nde?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ubwicanyi ku Musi Mukuru w’Ukwibuka Ivuka
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • ‘Nta wumuruta’
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 14
Yohani Umubatizi ariko arabatiza abantu.

Yohani Umubatizi yoba yarabayeho vy’ukuri?

Inkuru zo mu Njili ziravuga umuntu yitwa Yohani Umubatizi yamamaza i Yudaya ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Abahinga mu vya kahise boba bashigikira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’uwo mugabo? Raba:

  • Bibiliya ivuga iti: «Yohani Umubatizi aza kwamamaza mu bugaragwa bw’i Yudaya, avuga ati: “Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.”» (Matayo 3:1, 2) Hoba hariho ibindi bitabu vyemeza ico kintu? Egome.

    Umuhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe yaravuze umugabo yitwa «Yohani batazira Umubatizi», «yaremesha Abayuda kwisunga ubugororotsi», «kwihebera Imana», no «kubatizwa.»​—Histoire ancienne des Juifs, Igitabu ca XVIII.

  • Bibiliya iravuga ko Yohani yahambariye Herodi Antipa, buramatari w’intara ya Galilaya na Pereya. Herodi yitwa ko ari Umuyuda yubahiriza amategeko ya Musa. Yohani yaraneguye Herodi kubera yubakanye na Herodiya umugore wa mwene wabo. (Mariko 6:18) N’iyo nkuru nyene turayisanga mu bindi bitabu atari Bibiliya.

    Wa muhinga Josèphe yavuze ko Antipa «[yakunze] Herodiya» aca «aramusaba ngo bubakane.» Herodiya yaremeye aca arava ku mugabo wiwe aja kubana na Antipa.

  • Bibiliya ivuga ko «abantu b’i Yeruzalemu, i Yudaya hose no mu karere kose ko mu micungararo ya Yorodani baguma baza kuri [Yohani], na we akababatiza mu ruzi Yorodani.»​—Matayo 3:5, 6.

    N’ivyo Josèphe arabishigikira. Yanditse ko abantu «benshi cane» baza kuraba Yonani kandi ko «ivyo yigisha vyabakora ku mutima cane.»

Biragaragara ko uwo muhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yabona ko Yohani Umubatizi yabayeho vy’ukuri. Natwe ni ko dukwiye kubibona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika