ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 159
  • Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Iyo ibikoko bipfuye bibigendera gute?
  • Ibikoko vyoba bicumura?
  • Kwica rubi ibikoko vyoba vyemewe?
  • Ibikoko
    Be maso!—2015
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kutarya canke kudakoresha ikintu na kimwe kiva mu gikoko?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 159
Imbwa

Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya yigisha ko mu biremwa vyose vyo kw’isi, abantu bakeyi gusa ari bo bazoja mw’ijuru. (Ivyahishuwe 14:1, 3) Baja kuba abami n’abaherezi bafadikanya na Yezu kuganza. (Luka 22:28-30; Ivyahishuwe 5:9, 10) Abandi bantu benshi bazozukira kuba mw’isi izoba yabaye iparadizo.​—Zaburi 37:11, 29.

Nta na hamwe Bibiliya yerekana ko mw’ijuru hariho ikibanza categuriwe ibikoko, kandi ivyo birumvikana kuko ibikoko bidashobora gushitsa ivyo Imana isaba ‘abahamagariwe ijuru.’ (Abaheburayo 3:1) Muri ivyo bisabwa harimwo kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana, kuyizera no kugamburuka amategeko yayo. (Matayo 19:17; Yohani 3:16; 17:3) Abantu ni bo bonyene baremwe bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—Itanguriro 2:16, 17; 3:22, 23.

Kugira bishoboke ko abantu baja mw’ ijuru bategerezwa kuzuka. (1 Abakorinto 15:42) Bibiliya irimwo uburorero bw’abantu benshi bazutse. (1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37; 13:20, 21; Luka 7:11-15; 8:41, 42, 49-56; Yohani 11:38-44; Ivyakozwe 9:36-42; 20:7-12) Ariko nta na hamwe ivuga ibikoko vyazutse.

  • Iyo ibikoko bipfuye bibigendera gute?

  • Ibikoko vyoba bicumura?

  • Kwica rubi ibikoko vyoba vyemewe?

Iyo ibikoko bipfuye bibigendera gute?

Bibiliya yerekana ko Imana ibona ko ubuzima bw’abantu n’ubw’ibikoko ari cokimwe. (Guharūra 31:28) Ibikoko n’abantu vyose bigizwe n’ibintu bibiri: “umukungugu w’ubutaka” n’“impemu y’ubuzima.”​—Itanguriro 2:7.

Bibiliya yigisha ko abantu n’ibikoko vyose bipfa. (Kuvayo 19:13) Bipfuye, vyose bisubira mu mukungugu. (Umusiguzi 3:19, 20) Mu yandi majambo, bica bireka kubaho.a

Ibikoko vyoba bicumura?

Oya. Gucumura ni ukwiyumvira canke gukora ibiteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana. Kugira ikiremwa kanaka gicumure, bisaba ko kiba gishoboye gufata ingingo, ivyo na vyo ibikoko nta vyo bishoboye. Mu kiringo gitoyi bibaho, biba bigenza itima. (2 Petero 2:12) Amaherezo birapfa naho nyene bitaba vyaracumuye.

Kwica rubi ibikoko vyoba vyemewe?

Oya. Imana yarahaye abantu ububasha bwo kugaba ibikoko ariko ntiyabahaye uburenganzira bwo kubifata nabi. (Itanguriro 1:28; Zaburi 8:6-8) Imana iritwararika ibikoko, mbere n’utunyoni dutoduto. (Yona 4:11; Matayo 10:29) Yategetse abasavyi bayo kwitaho ibikoko.​—Kuvayo 23:12; Gusubira mu vyagezwe 25:4; Imigani 12:10.

Ivyanditswe bivuga ibijanye n’ibikoko

Itanguriro 1:28: “Imana irabahezagira, ibabwira iti: ‘Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe, muganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.’”

Ico bisobanura: Imana yarahaye abantu ububasha bwo kugaba ibikoko.

Umusiguzi 3:19, 20: “Kuko hari iherezo ku bijanye n’abana b’abantu be n’iherezo ku bijanye n’igikoko, kandi bifise iherezo rimwe. Uko kimwe gipfa, ni ko n’ikindi gipfa; kandi vyose bifise impwemu imwe itarenga, ku buryo ata co umuntu asumvya igikoko, kuko vyose ari ubusa. Vyose bija ahantu hamwe. Vyose vyavuye mu mukungugu, kandi vyose bisubira mu mukungugu.”

Ico bisobanura: Abantu n’ibikoko bipfuye, vyose bisubira mu mukungugu.

Imigani 12:10: “Umugororotsi aritaho ubuzima bw’igitungwa ciwe.”

Ico bisobanura: Abantu beza baritaho ibikoko, harimwo n’ivyo batunze.

Matayo 10:29: “None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi.”

Ico bisobanura: Imana irazi ibikoko kandi iravyitwararika, mbere n’utunyoni dutoduto.

a Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 6 c’igitabu Bibiliya itwigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika