ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 76
  • Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki bibera ku Ngoro y’Ubwami?
  • Kubera iki woja ku makoraniro?
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Iki ni ikibanza dusengeramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ibibanza dusengeramwo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 76
Umusore ariko arihweza abantu bari ku Ngoro y’Ubwami

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki twoja ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami?

Kabiri mu ndwi Ivyabona vya Yehova baragira amakoraniro mu bibanza basengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami. Ni ibiki bibera muri ayo makoraniro kandi kuyitaba vyokumarira iki?

  • Ni ibiki bibera ku Ngoro y’Ubwami?

  • Kubera iki woja ku makoraniro?

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ni ibiki bibera ku Ngoro y’Ubwami?

Ingoro y’Ubwami ni ahantu twigira Bibiliya. Amakoraniro ahagirirwa arashobora kugufasha:

  • kumenya ukuri kwerekeye Imana.

  • gutahura igituma ibintu vyifashe gutya muri iki gihe.

  • kurushiriza kuba umuntu mwiza.

  • kuronka abagenzi beza.

Wari ubizi? Ahantu Ivyabona vya Yehova bagirira amakoraniro hitwa Ingoro y’Ubwami kubera ko Ubwami bw’Imana ari co kintu nyamukuru kihigishirizwa.​—Matayo 6:9, 10; 24:14; Luka 4:43.

Kubera iki woja ku makoraniro?

Ibihigishirizwa vyogufasha. Impanuro zo muri Bibiliya zitangirwa ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova zirashobora kugufasha ‘kuronka ubukerebutsi.’ (Imigani 4:5) Uca wumva ko Bibiliya ishobora kudufasha gufata ingingo nziza mu buzima. Irashobora kandi kugufasha kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi:

  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

  • Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa ingorane zidushikira?

  • Iyo umuntu apfuye aja he?

Raba imitwe y’insiguro zimwezimwe zihora zishikirizwa ku wa mungu:

  • Ni kubera iki twoyoborwa na Bibiliya?

  • Ni hehe ushobora gukura imfashanyo mu bihe vy’ingorane?

  • Ivyo Ubwami bw’Imana buriko buradukorera ubu.

“Umunyeshure twigana yaraje ku makoraniro. Yicaranye n’umuryango wacu, tukaza turasomera hamwe. Mu nyuma yambwiye ko yatangajwe cane n’ukuntu abantu baza barishura mu biganiro vy’ibibazo n’inyishu. Yavuze kandi ko mw’idini iwabo hoho batagira ibitabu.”​—Brenda.

Wari ubizi? Kwinjira ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.

Abantu baba bahari barashobora kukuremesha. Bibiliya ivuga ko imwe mu mvo zikwiye gutuma abakirisu bakoranira hamwe ari kugira ‘baremeshanye.’ (Abaheburayo 10:24, 25) Kwifatanya n’abantu bashira Imana na bagenzi babo mu kibanza ca mbere biraruhura muri iyi si yuzuye ubwikunzi.

“Inyuma y’umusi w’ibikorwa, birashika nkumva ntagira umunezero kandi ndushe cane. Ariko abantu duhurira ku Ngoro y’Ubwami bama batuma nsubira kwumva merewe neza. Iyo ndiko ndataha mvuye kw’ikoraniro mba numva nezerewe kandi niteguriye gutangura uwundi musi.”​—Elisa.

Wari ubizi? Kw’isi yose hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 120.000 akoranira mu bibanza birenga 60.000. Tugize incahagati, buri mwaka hubakwa Ingoro z’Ubwami nka 1.500 kubera abitaba amakoraniro baguma biyongera.a

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Jessica

“Nkiri kw’ishure, hari umunyeshure twigana twajanye ku makoraniro nka kangahe. Yaratangajwe no kubona abantu b’imyaka itandukanye bariko bariga Bibiliya bari hamwe. Mu misi iheze umukoresha wanje na we nyene yaraje ku makoraniro kandi yaratangajwe n’ukuntu tuguma dukoresha Bibiliya. Ukuntu yashimye amakoraniro vyaratumye ndushiriza kuyaha agaciro.”​—Jessica.

Timothy

“Nasanze amakoraniro anduhurira imyitwarariko mba niriwemwo. Turahigira ukuntu twogira ubuzima buri n’intumbero, ukuntu tworushiriza kuba abantu beza n’ibindi n’ibindi. Nama mva ku Ngoro y’Ubwami numva ndemye kandi nduhuriwe.”​—Timothy.

Jacob

“Hari umugabo umwe natumiye ku makoraniro. Mu nyuma yavuze ati: ‘Nari nazanywe no gutora amahinyu inyigisho zanyu. Ariko nahavuye nsanga ivyo nemera ari vyo bitari vyo.’ Yarakozwe ku mutima kandi n’ukuntu Ivyabona vya Yehova bafise igishika. Yavuze ati: ‘Naho ryari ryo rya mbere nza gusenga iwanyu, mwamfashe nk’aho umenga twari tumaze imyaka tuzinanye.’”​—Jacob.

Madison

“Hari igihe mba numva ko twopfa guheza amakoraniro nkaca ntaha. Ariko ndi mu makoraniro simenya aho ico ciyumviro cagiye. Amakoraniro aheze ndaganira n’abandi kandi simba ncibuka icatumye numva ko noca ntaha. Iyo hataba amakoraniro simba mfise abagenzi beza ukuraho.”​—Madison.

a Kugira umenye ahabera amakoraniro, nuje ahavuga ngo “Amakoraniro y’ishengero y’Ivyabona vya Yehova,” uce ufyonda ahavuga ngo “Nurondere ahoba ari hafi yawe.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika