ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 104
  • Abantu ntibacizigira abanyapolitike: Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu ntibacizigira abanyapolitike: Bibiliya ibivugako iki?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nube maso mu guhitamwo uwo wokwizigira
  • Umutware wokwizigira
  • Ni nde wokwizigira? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’abanyapolitike bononekaye?
    Ibindi biganiro
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwizigire abavukanyi bawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 104
Umunyapolitike ariko avugira imbere y’isinzi ry’abantu.

Mary_Ukraine/stock.adobe.com

NUGUME URI MASO!

Abantu ntibacizigira abanyapolitike: Bibiliya ibivugako iki?

Mu 2024, hazoba amatora menshi hirya no hino kw’isi. Ariko rero, abantu benshi ntibacizigira abanyapolitike.

  • Mu matohoza yakozwe muri Amerika, Abanyamerika benshi bavuze ko «abanyapolitike benshi bakora ibintu babitumwe n’ubwikunzi», aho kubikora kubera ko bashaka gufasha abantu.a​—Vyavuzwe n’ikigo kimwe gikora amatohoza (Pew Research Center), ku wa 19 Nyakanga 2023.

Abakiri bato benshi na bo nyene ntibacizera abanyapolitike.

  • «Abakiri bato bo muri iki gihe akenshi bipfuza kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye bafise. Ariko mw’itohoza ryagizwe, bavuze ko abanyapolitike batabaha inyishu baba bakeneye.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The New York Times, ku wa 29 Nzero 2024.

  • «Itohoza ryakozwe ryerekana ko abakiri bato basigaye bizigira abashira amavidewo kuri YouTube kuruta uko bizigira abanyapolitike.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru The Korea Times, ku wa 22 Nzero 2024.

Twoba twokwizigira ko abanyapolitike bazotuma ibintu bigenda neza? Ni nde twokwizigira?

Nube maso mu guhitamwo uwo wokwizigira

Abantu barakwiye kuba maso mu guhitamwo abo bizigira. Bibiliya ivuga ko «umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose, ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»​—Imigani 14:15.

  • Kugira uronke impanuro ngirakamaro z’ukuntu wosuzuma nimba amakuru ari ay’ukuri canke ay’ikinyoma, nusome ikiganiro kivuga ngo «Niwirinde amakuru y’ikinyoma.»

Vyongeye, mbere n’abanyapolitike bafise umutima mwiza kandi bipfuza gufasha abantu barafise aho bagarukiriza mu vyo bakora. Ni co gituma Bibiliya ituburira ngo:

  • «Ntukishimire abatware, ntukishimire mwene Adamu, kuko ata rukiza ruri muri we.»​—Zaburi 146:3, Bibiliya Nyeranda.

Umutware wokwizigira

Bibiliya irerekana ko Imana yashizeho Umutware ashoboye gutegeka gusumba abandi kandi dushobora kwizigira, na we akaba ari Yezu Kristu. (Luka 1:32, 33) Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana, na bwo bukaba ari intwaro iganza iri mw’ijuru.​—Matayo 6:10.

  • Nurabe igituma wokwizigira Yezu n’ivyo azokora kugira atorere umuti ingorane ziduhanze. Nusome ikiganiro kivuga ngo «Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?» hamwe n’ikivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?»

a Pew Research Center: “Americans’ Dismal Views of the Nation’s Politics,” Nyakanga 2023.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika