ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 17
  • Nufashe abana bawe kwihanganira amakuru ababaje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abana bawe kwihanganira amakuru ababaje
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amakuru agira ingaruka izihe ku bana?
  • Wofasha gute abana bawe kwihanganira amaganya aterwa no kuraba amakuru ababaje?
  • Ingene amakuru ateye ubwoba agira ico akoze ku bana bawe
    Be maso!—2012
  • “Turi hano! Dutume”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 17
Abagize umuryango bariko bararaba televiziyo. Sebibondo arabonye ko amakuru ababaje bariko bararaba ariko aratera ubwoba umwana.

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Nufashe abana bawe kwihanganira amakuru ababaje

Hama hariko haraca amakuru ababaje kuri televiziyo, ku twuma ngendanwa no kuri ordinateri kandi akenshi usanga yerekana ido n’ido ivyabaye.

N’abana usanga bariko barayaraba.

Wofasha gute abana bawe kugira ntibarengerwe n’ubwoba kubera ayo makuru ababaje?

  • Amakuru agira ingaruka izihe ku bana?

  • Wofasha gute abana bawe kwihanganira amaganya aterwa no kuraba amakuru ababaje?

  • Bite ho mu gihe umwana wawe yoba yiboneye amaso mu yandi ikintu kibabaje cabaye?

Amakuru agira ingaruka izihe ku bana?

  • Abana benshi barababazwa n’ibintu bibabaje babona mu makuru. Abana bamwebamwe barashobora kutavuga ukuntu biyumva, ariko ibintu bibabaje babona mu makuru birashobora kubabuza amahoro cane.a Iyo babonye abavyeyi babo bahagaritse umutima cane, na bo baca barushiriza kugira ubwoba.

  • Abana barashobora gutahura ukutari kwo ivyo babona mu makuru. Nk’akarorero, hari abaca biyumvira ko ivyo babonye bizoshikira umuryango wabo. N’ikindi kandi, igihe abana bakiri bato baguma baraba ikintu kibabaje kiguma cerekanwa boshobora kwiyumvira ko ico kintu cabaye incuro nyinshi.

  • Abana barashobora kudatahura ko ibimenyeshamakuru birenza urugero. Bashobora kuba batazi ko ibimenyeshamakuru biriko biricira amahera, bikaba bishaka ko abantu benshi babirorera. Rero, birashobora kurenza urugero mu kuntu bishikiriza inkuru kugira abantu babihurumbire.

Wofasha gute abana bawe kwihanganira amaganya aterwa no kuraba amakuru ababaje?

  • Nurinde abana bawe amakuru menshi ababaje. Ivyo ntibisigura ko abana bawe badakwiye kumenya ibiriko biraba mw’isi. Ariko si vyiza ko baguma baraba canke bumviriza amakuru ababaje aguma yisubiriza.

    “Rimwe na rimwe turaganira cane ivyo twabonye mu makuru, ntitumenye ko bitera ubwoba abana bacu igihe baguma bavyumva.”​—Maria.

    Ico Bibiliya ivuga: “Umwitwarariko mu mutima w’umuntu uramuruhisha.”​—Imigani 12:25, Bibiliya Nyeranda.

  • Nubumvirize witonze kandi ubagaragarize impuhwe. Nimba umwana wawe bitamworohera kuvuga ivy’ico kintu cabaye, numusabe atume abicapa. Igihe uganira n’umwana wawe ibimuraje ishinga nukoreshe imvugo ashobora gutahura, ariko wirinde kuvuga amakuru y’ido n’ido adakenewe.

    “Iyo twicaye tugatega yompi umukobwa wacu, aca yumva amerewe neza. Ariko nta co bimufasha tumubwiye gusa ngo: ‘Ukwo ni ko ibintu bimeze muri iki gihe kandi tubwirizwa kubimenyera.’”​—Sarahi.

    Ico Bibiliya ivuga: ‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga.’​—Yakobo 1:19.

  • Nufashe abana bawe gutahura ko ibimenyeshamakuru birenza urugero. Nk’akarorero, birashobora kurenza urugero mu kuntu bishikiriza amakuru y’abantu banyurujwe. Nusigurire abana bawe ingingo wafashe kugira ubakingire. Nugumize ku muzirikanyi kandi ko ikintu kirinze kivugwa mu makuru ari kubera kiba gake, si kubera cama cabaye.

    “Nufashe abana bawe kwihanganira amaganya. Akenshi bagira amaganya kubera ivyo baba biyumviriye. Rero nitwabafasha kwiyumvira ibintu vyiza, bizotuma biyumva neza.”​—Lourdes.

    Ico Bibiliya ivuga: “Umutima w’umuntu w’inkerebutsi utera akanwa kiwe kwerekana ugutahura kwimbitse, kandi wongera ku minwa yiwe ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa.”​—Imigani 16:23.

a Abana bakiri bato cane bashobora kugaragaza ko bafise ubwoba mu kuza barasoba aho baryamye canke bagatinya kuja kw’ishure kuko baba bashaka kugumana n’abavyeyi.

Bite ho mu gihe umwana wawe yoba yiboneye amaso mu yandi ikintu kibabaje cabaye?

Ku wa 7 Rusama 2019, hari abana babiri batanguye kurasa kw’ishure rya Highlands Ranch i Colorado muri Amerika, bica umunyeshure umwe bongera bakomeretsa umunani. Jack w’imyaka 9 yiga kuri iryo shure, kandi ni ho yari ari igihe ivyo vyaba. Abavyeyi biwe Ben na Casey baratwiganira ivyo bakoze kugira bafashe Jack inyuma y’ivyo bintu.

Ben na Casey.

Ivyo bintu vyabaye vyagize ingaruka izihe ku mwana wanyu?

Casey: Mu mezi yakurikiye, Jack yagumana ubwoba.

Ben: Umwanya umwe yaba yitekaniye, ata ngorane n’imwe yifitiye uwundi mwanya ukabona aramase ku bavyeyi biwe igihe hagize ikintu kimwibutsa ivyabaye. Jack yaratanguye kwiyumvira ko hazokwama haba ibintu bibabaje, ivyo bikaba vyumvikana uravye ibintu yabonye.

Ivyo bintu vyabaye mwoba mwarabiravye mu makuru?

Casey: Mu ntango twarabiravye. Twese uko turi batatu twaramaze nk’indwi yose tuguma tubiraba. Mu nyuma jewe n’umugabo wanje twarabonye ko kuguma turaba ayo makuru ata kindi vyavamwo atari kuvyibutsa Jack no gutuma biguma bitugaruka mu bwenge twese uko turi batatu aho kuvyibagira.

Ni igiki mwasanze gifasha cane Jack?

Casey: Kwinonora imitsi vyaramufashije kugabanya amaganya. Rero twaragerageje kurondera umwanya buri musi wo kwinonora imitsi. Ariko icari gihambaye kuruta kwari ukumwumviriza ariko aratuyagira. Narabonye ko imbere yo kuryama, igihe haba hari agacerere, Jack yatubwira uko amerewe. Vyarashika tukamara isaha turiko turaganira, kandi ivyo vyaramufashije cane. Jack yari azi ko adakwiye kwikorera uwo muzigo ari wenyene.

Ni impanuro iyihe mwoha abavyeyi bafise abana biboneye ibintu bibabaje?

Ben: Birahambaye ko abana bumva ko batekaniwe mu muryango n’imbere y’uko bashikirwa n’ibintu bibabaje. Ivyo bizotuma igihe bashikiwe n’ibintu bibabaje, vyoroha kubafasha.

Casey: Abana ntibameze kumwe. Umwe arashobora kuba arinda cane kurusha uwundi. Hari abantu bashobora kwibaza ko uriko urarenza urugero mu kubakingira, ariko nubahe ivyo bakeneye. Nukomeze ubucuti mufitaniye na bo. Ivyo biratuma bumva batekaniwe bari muhira naho mw’isi hasa n’ahateye akaga.

Incamake: Wofasha gute abana bawe kwihanganira amakuru ababaje?

  • Nurinde abana bawe amakuru menshi ababaje.

  • Nubumvirize witonze kandi ubagaragarize impuhwe.

  • Nufashe abana bawe gutahura ko ibimenyeshamakuru birenza urugero.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika