RÉPUBLIQUE DOMINICAINE
Numvise noheba gukorera Imana
Martín Paredes
YAVUTSE 1976
YABATIJWE 1991
IVYIWE MURI MAKE Martín yamenye ukuri igihe yariko arigira ubupadiri. Kuva ico gihe, aramaze gufasha abantu benshi baraba abasavyi b’Imana.
NAKURIYE mu muryango w’abagatolika b’imena bipfuza cane ko mba umupadiri. Rero, igihe nari mfise imyaka 12, narakurikiranye ivyigwa bitatu nigishwa n’abapadiri batatu. Mu nyuma, mu 1990, mfise imyaka 14, nararungitswe kwiga kuri imwe mu maseminari meza kuruta ayandi yo mu gihugu.
Narateye imbere ningoga kandi nabwiwe ko hamwe nobandanya nihata, nobaye musenyeri. Yamara, naravunitse umutima. Aho kwiga Bibiliya, twiga filozofiya y’abantu. N’ikindi kandi, abapadiri bari ibihumbu. Igihe baguma barondera kumpumbisha, naciye numva noheba gukorera Imana.
Muri ico gihe, hari umugabo n’umugore wiwe b’abamisiyonari bagendeye umunyabigega w’iyo seminari maze bamuha igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi. Yarakintije maze ndagisoma cose. Nibwiye nti: ‘Iki ni co nyene nariko ndarondera.’ Naravuye mw’iseminari, nca ntangura kwiga n’Ivyabona no kwitaba amakoraniro. Haheze amezi umunani, muri Mukakaro 1991, narabatijwe. Naratanguye ubutsimvyi busanzwe kandi mu nyuma narubakanye na mushiki wacu w’umutsimvyi yitwa María. Kuva mu 2006, turi abatsimvyi badasanzwe. Aho guheba gukorera Imana, ubu ndakunda gufasha abantu banyotewe ukuri ngo babe abasavyi bayo b’ukuri.