ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 160-rup. 161 ing. 1
  • Yehova yaruguruye imitima y’abantu benshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yaruguruye imitima y’abantu benshi
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyo bijanye
  • Mva ku kuba umuhakanamana nkaba umusavyi w’Imana
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Naho afise ubumuga, ntiworaba ishaka afise ry’ibikorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 160-rup. 161 ing. 1

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Yehova yaruguruye imitima y’abantu benshi

Leonardo Amor

  • YAVUTSE 1943

  • YABATIJWE 1961

  • IVYIWE MURI MAKE Yamenye ukuri akiri umuyabaga kandi aramaze imyaka irenga 50 asukurira Yehova mu murimo w’igihe cose.

Ifoto ku rup. 160

HAHEZE nk’ukwezi Trujillo agandaguwe mu 1961, narabatijwe, ico gihe nkaba niga ivy’amategeko muri kaminuza. Dawe yashaka ko nonosora ivy’amategeko, ariko narabonye ko inyigisho iva ku Mana ari yo yari ihambaye kuruta izindi. Rero, naho dawe yaguma ampata, naravuye muri kaminuza. Haheze igihe gitoyi, narabaye umutsimvyi adasanzwe.

Kamwe mu turere nakoreyemwo kari akitwa La Vega, Gatolika ikaba yari imaze igihe kirekire ihashinze imizi. Mu gihe cose nahamaze, nta n’umwe yemeye ukuri. Igihe naba ndiko ndashikiriza insiguro z’icese, zumvirizwa gusa n’umutsimvyi twakorana. Yamara, Yehova yarankomeje biciye ku kwiyigisha Bibiliya, ku kwitaba amateraniro, no ku gusengana ubwira. Mw’isengesho rimwe natuye, narabajije Yehova nimba hokwigeze haboneka ishengero i La Vega. Ndahimbawe no kumenyesha ko ng’aho ubu hari Ingoro z’Ubwami 6, amashengero 14, n’abamamaji b’Ubwami barenga 800.

Mu 1965 narubakanye n’umugore wanje Ángela, kandi mu 1981 twaratumiwe gukorera kuri Beteli. Igihe nabatizwa, mu gihugu cose hari abamamaji 681 gusa. Ubu dufise abamamaji barenga 36.000, kandi abantu ibihumbi baraza ku materaniro atandukanye tugira. Nsubije amaso inyuma, ndumva numiwe no kubona ingene Yehova yuguruye imitima y’abantu benshi bakakira ukuri kwo muri Bibiliya.

Ifoto ku rup. 161

Abagize Komite y’ishami, uva ibubamfu uja iburyo: Reiner Thompson, Juan Crispín, Thomas Dean, Leonel Peguero, Leonardo Amor, na Richard Stoddard

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika