ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ndamukiza rup. 32
  • Ivyogufasha gutahura imvugo ngereranyo ziri muri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyogufasha gutahura imvugo ngereranyo ziri muri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ndamukiza rup. 32

INGENE WOKWIYIGISHA

Ivyogufasha gutahura imvugo ngereranyo ziri muri Bibiliya

Bibiliya irimwo imvugo ngereranyo nyinshi cane. Ariko rero, abantu benshi basoma Bibiliya zirabagora gutahura. (Mat. 13:13) Ni ibiki none vyogufasha gutahura neza imvugo ngereranyo ziri muri Bibiliya? Gerageza gukora ibi bikurikira:

  • Numenye iciyumviro nyamukuru be n’ico bakigereranije. Imvugo ngereranyo zigereranya iciyumviro nyamukuru n’ico kigereranya. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe 3:3 hagereranya ukuza kwa Yezu (iciyumviro nyamukuru) n’ukuza kw’igisuma (ico kigereranya).

  • Niwiyumvire isano riri hagati y’iciyumviro nyamukuru n’ico kigereranya. Gerageza kwiyumvira imvo zatumye ikintu kanaka bakigereranya n’ikindi, uzirikane no ku co bihuriyeko.

  • Niwiyemeze ko wabitahuye neza. Amasano amwamwe ari hagati y’iciyumviro nyamukuru n’ico kigereranya arashobora gutuma umuntu atahura ibintu nabi. Muri ka karorero twavuga, Yezu ntazoba aje kwiba. Ahubwo nyabuna, iyo mvugo ngereranyo yerekana ko Yezu azoza atawuvyiteze nka ku nyene igisuma kidateguza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika