ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Kigarama rup. 26-30
  • Yemwe abageze mu zabukuru, muri n’ico mumariye ishengero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yemwe abageze mu zabukuru, muri n’ico mumariye ishengero
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWIBUKE IVYO YEHOVA AKWITEZEKO
  • URASHOBORA KUREMESHA ABANDI
  • YEHOVA ARASHIMA IVYO UMUKORERA VYOSE
  • NUGUME UKORA IVYO USHOBOYE VYOSE
  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nunezererwe ivyo ushoboye gukorera Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Nuhe agaciro abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Kigarama rup. 26-30
Amafoto: Abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka bakorera Yehova banezerewe. 1. Umuvukanyi ariko araraba imbere amwenyura. 2. Mushiki wacu yicaye ku gakinga k’abamugaye ariko araha agapapuro k’inkuru nziza umuforoma. 3. Mushiki wacu ariko aratanga inyishu kw’ikoraniro. 4. Mushiki wacu yishimikije umuvukanyi akiri muto bariko barakorana mu ndimiro. 5. Umuvukanyi ari kumwe n’utwana tubiri be na nyina watwo ku Ngoro y’Ubwami.

Yemwe abageze mu zabukuru, muri n’ico mumariye ishengero

«Nsubije amaso inyuma, ndatangara nibutse ivyo nahora nkora kera. None ubu nta vyinshi ngishobora gukora kubera ubusaza.»—Vyavuzwe na Connie, w’imyaka 83.

Na wewe ushobora kuba ata vyinshi ugishoboye gukora kubera ubusaza. Naho wamaze imyaka myinshi ukorera Yehova udahemuka, hamwe wogereranya ivyo wahora ukora kera n’ivyo ukora ubu, woshobora gucika intege. None mu bihe nk’ivyo, ni ibiki vyogufasha?

NIWIBUKE IVYO YEHOVA AKWITEZEKO

Niwibaze uti: «Yehova anyitezeko iki?» Ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:​5, vyoshobora kukuremesha. Hagira hati: «Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose.»

Twisunze ico canditswe, Yehova yiteze ko umukorera n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose. Ivyo birashobora kugufasha kwirinda kwigereranya n’abandi, canke kugereranya ivyo wahora ukora kera be n’ivyo ukora ubu.

Zirikana kuri iki kintu: Ukiri muto, wakorera Yehova ivyo wari ushoboye vyose ico gihe. Ariko rero n’ubu birashoboka ko ukiriko urakorera Yehova ivyo ushoboye vyose. Uzirikanye muri ubwo buryo, woshobora guca ubona ko ivyo uriko urakorera Yehova ubu, ata ho bitaniye n’ivyo wamukorera kera. Kurya nyene kera wamukorera ivyo ushoboye vyose, ni ko n’ubu umukorera ivyo ushoboye vyose.

Amafoto: Mushiki wacu amaze imyaka myinshi akorera Yehova adahemuka. 1. Igihe uwo mushiki wacu yari akiri muto, ariko arayagisha umugore umwe igihe yariko aramamaza inzu ku nzu. 2. Ubu uwo mushiki wacu aramaze kwiterera mu myaka, ariko aramamaza biciye kuri terefone ari kumwe n’uwundi mudada akiri muto.

Kurya nyene wakoreye Yehova ivyo ushoboye vyose ukiri muto, ni ko n’ubu mu busaza uriko uramukorera ivyo ushoboye vyose

URASHOBORA KUREMESHA ABANDI

Raba ikindi kintu wozirikanako: Aho kugumiza umutima ku vyo utagishoboye kubera ubusaza, niwiyumvire nyabuna ingene abandi bokwungukirako. Kubera ko ubu witereye mu myaka, hariho ibintu ushoboye gukora ariko utari gushobora igihe wari ukiri muto. Raba nk’akarorero bimwebimwe muri vyo:

Kuyagira abandi ivyo wiboneye mu buzima. Raba ivyavuzwe n’abasavyi b’Imana bamwebamwe:

Umwami Dawidi yavuze ati: «Kuva nkiri muto gushika ubu nshaje, sindigera mbona umugororotsi yahebwe, canke abana biwe basegerereza ibifungurwa.»—Zab. 37:25.

Yosuwa yavuze ati: «Ubu ndi mu gupfa. Mwebwe ubwanyu murazi neza yuko ata kintu na kimwe mu bintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye kitashitse. Vyose vyarabaye ku neza yanyu. Nta na kimwe kitashitse.»—Yos. 23:14.

Na wewe ushobora kuba umaze kuvuga amajambo nk’ayo. Ivyo Dawidi na Yosuwa bavuze vyari bifise uburemere cane, kuko umwe wese yavuze ivyo yiboneye mu buzima, mu myaka itari mike yabayeho.

Nimba na wewe umaze imyaka myinshi ukorera Yehova, urashobora kuyagira abandi ivyiza wironkeye mu kumukorera. Hoba hari ikintu wibuka cagukoze ku mutima, cerekana ingene Yehova yahezagiye abasavyi biwe? Ntiwitinye kukiyagira abandi. Nk’uko woba umaze kuvyibonera, kubwira abandi ingene wakoreye Yehova birabaremesha cane.—Rom. 1:​11, 12.

Ikindi kintu wokora kugira ngo uremeshe abandi, ni ukwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami igihe cose bishoboka. Ugiyeyo urashobora kuremesha abandi kandi nawe ukaremeshwa. Umwe Connie twavuga mu ntango agira ati: «Kwitaba amakoraniro birandinda gucika intege. Wumva nocika intege gute n’urukundo abavukanyi bangaragariza iyo nagiyeyo? Kugira ngo nanje ndabereke ko nshima ivyo bankorera, mpora ndabaha udukado. Vyongeye, ndihata kugira mbandanye kwifadikanya na bo mu bikorwa vy’impwemu.»

YEHOVA ARASHIMA IVYO UMUKORERA VYOSE

Bibiliya irimwo uburorero bw’abantu batari bake bakundwa na Yehova, naho batari bagishoboye gukora vyinshi nka kera. Raba nk’akarorero k’umutama umwe w’Umwisirayeli yitwa Simeyoni, yariho igihe Yezu yavuka. Igihe uwo mutama yaba agiye ku rusengero, ashobora kuba yarabona abakiri bato bariko barakora ibikorwa bihambaye vyo ku rusengero. Ariko uwo mutama, ashobora kuba yariyumvira ko ata co akimaze imbere ya Yehova, kubera ko yari ashaje. Ariko Yehova wewe si ko yabibona. Yabona Simeyoni nk’umuntu «w’umugororotsi kandi yatinya Imana», akaba ari co gituma yamuteye iteka ryo kubona Yezu akiri uruyoya. Yehova mbere yarakoresheje Simeyoni mu kuvuga ubuhanuzi bwerekeye Umwana wiwe Mesiya. (Luka 2:​25-35) Aho kubona Simeyoni nk’umutama yaheze, Yehova yamubona nk’umugabo w’ukwizera gukomeye kandi «afise impwemu nyeranda.»

Yozefu na Mariya bariko barereka Simeyoni Yezu akiri umwana, baryohewe.

Yehova yarateye iteka Simeyoni ryo kubona Yezu akiri umwana, no kumenyesha ko ari we yobaye Mesiya

Na wewe urashobora guhera amazinda ko Yehova ashima ivyo umukorera udahemuka naho hariho ivyo utagishoboye. Kuri we, ivyo umuntu atanga «vyemerwa canecane hisunzwe ivyo afise, ntihisungwa ivyo adafise.»—2 Kor. 8:12.

Nugumize rero umutima ku vyo ushoboye gukora. Nk’akarorero, niwiyumvire imice yo kwamamaza ushobora kugiramwo uruhara, naho hoba akanya gato. Woshobora no kuremesha abandi bavukanyi mu kubaterefona canke mu kubandikira agakete. Utuntu dusanzwe yamara turanga urukundo, turashobora gukora ku mutima cane abo musangiye ukwemera, na canecane igihe tuba tuvuye ku muntu amaze igihe kirekire akorera Yehova.

Naho woba ufise ubumuga, Yehova arashobora kubandanya agukoresha. Raba akarorero k’ivyabaye mu gihugu kimwe co muri Afrika yo mu buseruko, dusanga mu ruzitiro ruvuga ngo «Yaramurokoye.»

Niwibuke ko kuba umaze imyaka myinshi ukorera Yehova udahemuka, bishobora kuremesha abandi. Uri akarorero keza mu bijanye no kwihangana. Kandi rero nuhere amazinda kuri iki kintu: Kubera ko ‘Imana igororotse, ntishobora kwibagira igikorwa cawe n’urukundo werekanye ko ukunda izina ryayo, mu gukorera aberanda n’ubu ukibandanya.’—Heb. 6:10.

NUGUME UKORA IVYO USHOBOYE VYOSE

Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko abageze mu zabukuru bitaho gufasha abandi, usanga bafise amagara meza, biyumvira neza, kandi bakaramba.

Ariko ntiwumve, gukora ibikorwa vyiza ntibica bikuraho ingaruka z’ubusaza. Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo buzobishobora, nibwadukurako agasembwa ari na ko gatuma dusaza kandi tugapfa.—Rom. 5:12.

Mu kurindira, kuguma ukorera Yehova ivyo ushoboye vyose, harimwo no gufasha abandi kumumenya, birakomeza icizigiro cawe, kandi vyoshobora no gutuma ugira amagara meza. Yemwe abageze mu zabukuru, nimumenye ko Yehova ashima ivyo mumukorera, be n’uko abagize ishengero bakenguruka akarorero kanyu k’ukwizera.

Mushiki wacu yitereye mu myaka ariko aramamaza ku mugaragaro. Ariko arasomera icanditswe umugore akiri muto ariko arakorora amosozi.

Yaramurokoye

Hari umugore umwe akiri muto yaciye iruhande y’aho bashiki bacu bariko baramamaza ku mugaragaro. Umwe muri abo bashiki bacu yitereye mu myaka yaramuramukije, aca amubaza nimba yomusomera umurongo wo muri Bibiliya uremesha. Yaciye amusomera Yeremiya 29:​11, ahavuga ko Yehova adufiseko ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago. Ahejeje kuwumusomera yaciye amubaza ati: «Woba wabonye kazoza Imana ikwipfuriza?»

Uwo mugore vyaramukoze ku mutima cane, ku buryo atangura kurira. Yamwishuye ati: «Yipfuza ko ngira kazoza karangwa amahoro be n’icizigiro. Urakoze cane kunsomera uwo murongo. Nibaza ko iyo ari inyishu y’amasengesho yanje. Nari maze imisi ndi mu ngorane z’urutavanako, ku buryo hageze naho niyumvira kwiyahura. Mu gitondo nari nasenze Imana ndayibwira ngo impe ikimenyetso kinyereka ko ikinkunda. None raba uciye umpagarika kandi tutazinanye maze unsomera umurongo unyereka neza na neza ivyiyumviro Imana imfiseko. Basha iyi n’Imana ibikoze.»

Uwo mushiki wacu yaciye amwereka ibiganiro vyo kuri jw.org vyerekana ingene Bibiliya yomufasha igihe afise ivyiyumviro vyo kwiyahura. Yaciye amusigurira n’ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, yongera aramutumira ku makoraniro. Muri wikendi yakurikiye, uwo mugore yaraje ku makoraniro kandi ubu yaratanguye kwiga Bibiliya muri ka gatabu Kwiberaho ibihe bidahera.

Waba ukiri muto canke ushaje, urashobora kugira uruhara mu kwamamaza ku mugaragaro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika