ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Ruheshi rup. 32
  • Woba ufise ukwizera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ufise ukwizera?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ivyo bijanye
  • Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • “Twongerereze ukwizera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ukwizera​—Kamere idukomeza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Woba vy’Ukuri Wizera Inkuru Nziza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Ruheshi rup. 32

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA

Woba ufise ukwizera?

Kugira duhimbare Yehova tubwirizwa kuba dufise ukwizera. Ariko Bibiliya ivuga ko «ukwizera atari ikintu gifiswe na bose.» (2 Tes. 3:2) Ayo majambo intumwa Pawulo yariko ayerekeza ku «bantu bakora ikibi kandi b’ababisha» bariko baramurwanya. Ariko hariho n’abandi bantu badafise ukwizera. Hari abahitamwo kwirengagiza ibimenyamenya vyemeza ko hariho Imana yaremye vyose. (Rom. 1:20) Hari abandi bavuga ko bemera yuko hariho umuntu canke ikintu kibarengeye. Ariko ivyo ntibihagije kugira bahimbare Yehova.

Turakeneye kujijuka yuko Yehova ariho be n’uko ‘ahemba’ abafise ukwizera gukomeye. (Heb. 11:6) Ukwizera kuri mu vyo impwemu nyeranda yama. Kugira turonke impwemu nyeranda turayisaba Yehova. (Luka 11:​9, 10, 13) Ikintu gihambaye twokora kugira turonke impwemu nyeranda ni ugusoma Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Turaheza tukazirikana ivyo dusoma kandi tukagerageza kubishira mu ngiro. Ivyo tubigize, tuba turetse impwemu ya Yehova ikadufasha kubaho mu buryo bwerekana ko dufise ukwizera guhimbara Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika