ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w21 Ndamukiza rup. 26-29
  • “Ubu ndakunda kwamamaza”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ubu ndakunda kwamamaza”
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NTAKAZA UMUNEZERO
  • NDONKA ICIGWA GIHAMBAYE NTARI NITEZE
  • NSUBIRA GUKUNDA KWAMAMAZA
  • NDONKA UWO TWOKWAMYE DUKORANA UBUTSIMVYI
  • YEHOVA ARUSHIRIZA KUDUHEZAGIRA
  • NTA BUZIMA BUHIMBAYE KURUTA UBU
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Kurerera abana umunani mu nzira za Yehova vyabaye urugamba n’umunezero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ingene ‘wohonja’ ukumera neza kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
w21 Ndamukiza rup. 26-29
Vanessa Vicini.

INKURU Y’UBUZIMA

“Ubu ndakunda kwamamaza”

NK’UKO VYAVUZWE NA VANESSA VICINI

NAKURIYE mu gasagara kitwa Balclutha ko mu gihugu hagati, mu bumanuko bwa Nouvelle-Zélande. Nkiri umwana, narakunda Yehova kandi nkaryoherwa no kuba ndi Icabona. Narakunda kwitaba amakoraniro kandi ndayarimwo narumva ntekanye kandi ndyohewe. Naho nari umunyamasoni, narakunda kwamamaza buri ndwi. Sinatinya kubwira inkuru nziza abo twigana n’abandi. Nararyoherwa cane no kuba Icabona ca Yehova. Mfise imyaka 11 nariyeguriye Imana.

NTAKAZA UMUNEZERO

Ikibabaje, mfise nk’imyaka 13, ubucuti nari mfitaniye na Yehova bwaratanguye kugoyagoya. Nabona umengo abana twigana bafise umwidegemvyo mwinshi, nanje nkawipfuza. Numva umengo amategeko abavyeyi banshingira hamwe n’ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana biranzitira. Mbere n’ibikorwa bijanye no gusenga nari nsigaye mbona ko ari umuzigo. Naho ntigeze nkekeranya ko Yehova abaho, narumva ko ubucuti mfitaniye na we buriko buragabanuka.

Sinigeze mpagarika kwamamaza, ariko namamaza gake gashoboka. Kubera nagenda ntiteguye, vyarangora gutanguza ikiyago. Ivyo vyatuma ntaroranirwa, nkaca ndushiriza gutakaza umunezero no kwanka indimiro. Vyarashika nkibaza nti: ‘Ni nde muntu yoshobora kuguma yamamaza buri ndwi, buri kwezi?’

Nshikanye imyaka 17, naripfuza cane kwigenga. Naciye ntekera utwanje nimukira muri Ostraliya. Abavyeyi banje barababaye cane igihe nimuka. Naho bahagaritse umutima, bibaza ko nzobandanya gukorera Yehova.

Ariko ngeze muri Ostraliya ibintu vyaciye vyunyuka. Naciye ntangura kuza ndasiba amakoraniro. Naratanguye kwifatanya n’abakiri bato nkanje bitaba amakoraniro gake, mu yindi misi bakaba bibereye mu butambiro bw’ijoro. Ntabeshe, ukuguru kumwe kwari mu kuri ukundi kuri mw’isi, ariko nta na hamwe hambumba.

NDONKA ICIGWA GIHAMBAYE NTARI NITEZE

Haciye nk’imyaka ibiri, naramenyanye n’umudada yatumye ntangura kuzirikana ukuntu nari mbayeho. Ariko we, ntiyari azi ko ariko arampindura. Jewe n’abandi badada bane twabana twarakiriye umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe yitwa Tamara, tumarana indwi yose. Igihe umugabo wiwe yaba ari mu bikorwa vy’ishengero, Tamara yaca agumana natwe tugatera inkuru. Narabikunda. Yari umuntu yitwararika ibintu kandi yoroshe kuganiriza. Sinari nzi ko hari umuntu akomeye mu vy’impwemu nk’uwo yotwenza ukuraho.

Tamara yari umuntu acangamutse. Ukuntu yakunda ukuri no kwamamaza vyatuma numva nipfuje kumwigana. Gukorera Yehova uko ashoboye kwose vyaramuhimbara. Ariko jewe kubera ko nariko nkorera Yehova vyo guheza umwuga, nta munezero nari mfise. Ukuntu yabona ibintu neza akagira n’umunezero nyakuri, vyarahinduye ubuzima bwanje. Akarorero kiwe katumye nzirikana kuri uku kuri guhambaye: Yehova yipfuza ko twese tumukorera ‘tunezerewe’ kandi tukiha “akamo k’umunezero.”​—Zab. 100:2.

NSUBIRA GUKUNDA KWAMAMAZA

Nipfuza kugira umunezero nk’uwo Tamara yari afise. Ariko kugira ndawuronke, vyasaba ko ngira ibintu bihambaye mpindura. Naho vyafashe igihe, nahavuye ntangura kugira ivyo mpinduye. Naratanguye kuza nditegurira indimiro, nkaza ndakora n’ubutsimvyi bwo gufasha. Ivyo vyatumye ntaza ndagira ubwoba ndi mu ndimiro kandi nkumva ndemye. Uko nakoresha cane Bibiliya mu ndimiro ni ko narushiriza kugira agahimbare. Bidatevye, nari nsigaye nkora ubutsimvyi bwo gufasha buri kwezi.

Naratanguye kwiyegereza abantu b’imyaka yose bakomeye mu vy’impwemu kandi bahimbarwa no gukorera Yehova. Akarorero kabo karatumye nsubira kuzirikana uko ivyanje vyari vyifashe, maze ndasubira kugira urutonde rwiza rw’ivy’impwemu. Nararushirije gukunda kwamamaza, mu nyuma naho ndatangura ubutsimvyi busanzwe. Inyuma y’imyaka itari mike, narasubiye kwumva ntekanye, mpimbawe kandi numva nisanze mw’ishengero.

NDONKA UWO TWOKWAMYE DUKORANA UBUTSIMVYI

Haciye umwaka naramenyanye na Alex, umuvukanyi yimereye neza, akunda cane Yehova no kwamamaza. Yari umukozi w’ishengero akaba yari amaze imyaka itandatu ari umutsimvyi. Alex yari yarigeze kuja gukorera ahantu hari inkenero muri Malawi. Ngaho yaramenyanye n’abamisiyonari bamubereye akarorero keza bongera baramuremesha kuguma ashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere.

Mu 2003, twarubakanye duca turabandanya umurimo w’igihe cose. Twarahigiye ivyigwa vyinshi vyiza kandi Yehova yaraduhezagiye mu buryo bwinshi.

YEHOVA ARUSHIRIZA KUDUHEZAGIRA

Vanessa ari mu ndimiro ari kumwe n’umudada waho akiri muto.

Turi mu ndimiro i Gleno muri Timor Oriental

Mu 2009, twararungitswe kuba abamisiyonari muri Timor Oriental, kakaba ari agahugu gatoyi kari mu mazinga ya Endoneziya. Twararengewe n’umunezero ariko kandi twaragize akoba. Haciye amezi atanu, twarashitse i Dili ku mugwa mukuru.

Igihe twimukirayo, ubuzima bwaciye buhinduka cane. Twabwirijwe kumenyera imico mishasha, ururimi rushasha, ibifungurwa bishasha n’uburyo bwo kubaho bushasha. Mu ndimiro twarahura n’abantu bakenye, batize canke bafatwa nabi. Twarabona n’abandi bakozweko n’amabi y’intambara.a

Kwamamaza vyari biryoshe cane. Nk’akarorero, igihe kimwe narahuye n’agakobwa k’imyaka 13 kitwa Maria.b Ako gakobwa kari gatuntuye. Hari haciye imyaka mike kabuze nyina kandi kabonana na se gake kabaho kubera ko batabana. Cokimwe n’abandi bana bangana na we, Maria ntiyabona ico yari bukore mu buzima. Igihe kimwe, yararize ariko aranyagira ukuntu yiyumva. Ariko ikibabaje, nta kintu na kimwe natahura mu vyo yariko arambwira kubera ko ntari bwamenye neza ururimi rwaho. Narasenze Yehova ndamusaba ngo amfashe ndamuremeshe, nca ntangura kumusomera ivyanditswe biremesha. Mu myaka mike yakurikiye, nariboneye ukuntu ukuri guhindura ubuzima bwa Maria, aragira umunezero yongera arahindura ukuntu yaboneka. Yarabatijwe kandi ubu na we nyene arayobora inyigisho za Bibiliya. Ubu Maria arifitiye umuryango munini ugizwe n’abasavyi ba Yehova, kandi arumva ko akundwa.

Yehova ariko arahezagira igikorwa co kwamamaza muri Timor Oriental. Naho abamamaji nka bose babatijwe mu myaka cumi gusa iheze, benshi muri bo ni abatsimvyi, abakozi b’ishengero canke abakurambere. Abandi bakorera mu biro vy’ubuhinduzi, bakaba bafasha mu guhindura ibitabu mu ndimi zaho. Birampimbara cane iyo ndababonye bariko bararirimba ku makoraniro, bariko baramwenyura, nkibonera n’ingene batera imbere mu vy’impwemu.

Vanessa, Alex n’abandi bavukanyi batatu bo muri ako karere bafise amamoto, bagiye gutanga ubutumire bw’Icibutso.

Ndi kumwe na Alex tugiye mu karere gakorerwamwo gake gutanga ubutumire bw’Icibutso

NTA BUZIMA BUHIMBAYE KURUTA UBU

Ubuzima bwo muri Timor Oriental buratandukanye cane n’ubuzima bwo muri Ostraliya, ariko twaraharonkeye umunezero udasanzwe. Rimwe na rimwe, vyarashika tukagenda dupakiranye mu kabisi gatoyi, harimwo amafi yumye n’ibindi bisumwa bakuye mw’isoko. Vyarashika tukayoborera inyigisho mu kazu gatoyi gashushe kandi gacafuye, n’inkoko ziguma zinyuragira iruhande yacu. Naho bitari vyoroshe, nama nibwira nti: ‘Ubu buzima buraryoshe basi!’

Vanessa na Alex bari muri bisi yuzuye, hari n’abandi batatu bari ku muryango.

Turiko tuja mu cibare

Ntereje amaso inyuma, ndakenguruka cane kuba abavyeyi banje barakoze ivyo bashoboye vyose kugira banyigishe ivyerekeye Yehova bongera baranshigikira, no mu myaka itari yoroshe y’ubuyabaga. Nariboneye ko ibivugwa mu Migani 22:6 ari ukuri. Abavyeyi banje barahimbawe no kuba jewe na Alex turiko turakorera Yehova. Kuva mu 2016, turi mu gikorwa co kugendera amashengero mu karere k’ishami rya Australasie.

Ndiko ndereka akavidewo ka Kalebu abana bo muri Timor Oriental

Biragoye kwemera ko nigeze kuba ntakunda igikorwa co kwamamaza. Ubu ndakunda kwamamaza. Nariboneye ko naho twoshikirwa n’ibiki mu buzima, umunezero nyakuri ata handi uva atari ku gukorera Yehova n’umutima wacu wose. Nkako, iyi myaka 18 iheze ndiko nkorera Yehova ndi kumwe na Alex yabaye yo myaka nagize umunezero mwinshi mu buzima. Ubu ndatahura ko ivyo Dawidi yabwiye Yehova ari ukuri. Yavuze ati: “Abahungira muri wewe bose bazonezerwa; gushika igihe kitagira urugero, bazokwiha akamo k’umunezero. . . . Kandi abakunda izina ryawe bazokwigina muri wewe.”​—Zab. 5:11.

Vanessa na Alex bicaye hanze, bariko barayobora inyigisho y’umukenyezi n’umwana wiwe.

Birahimbaye kwigisha Bibiliya abantu bicisha bugufi nk’aba

a Kuva mu 1975, harabaye intambara muri Timor Oriental yamaze imyaka irenga 20 barondera kwikukira.

b Si ko asanzwe yitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika