ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 1 rup. 8-9
  • Kubera iki hari amasengesho Imana itishura?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki hari amasengesho Imana itishura?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Ivyo bijanye
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Uburyo bwo Kuronka Imfashanyo mu Gusenga
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 1 rup. 8-9

Kubera iki hari amasengesho Imana itishura?

Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova Imana, aripfuza kwumviriza amasengesho tumutura tubikuye ku mutima, kandi aramuhimbara. Ariko rero, hari ibintu vyotuma atishura ayo masengesho. None ivyo bintu ni ibihe, kandi ni ibiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dusenga? Raba impanuro zimwezimwe Bibiliya itanga.

Abantu bari mu misa, bakaba bariko barasoma amasengesho mu gitabu.

“Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi.”​—Matayo 6:7.

Yehova ntiyipfuza ko dusubiramwo amasengesho twafashe ku mutwe, canke ayo dusoma mu gitabu. Ahubwo, yipfuza ko tumubwira ibivuye ku mutima. Iyumvire ingene vyokurambira hamwe umugenzi wawe yoguma akubwira ya majambo nyene buri musi. Abagenzi beza barayaga ata co bahishanya. Iyo dusenze Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru mu majambo yacu bwite, tuba turiko turamubwira ikiri ku mutima.

Umugabo ariko aharura itike ya tombora araba hejuru.

“Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba mu ntumbero mbi.”​—Yakobo 4:3.

Birumvikana ko tutokwitega yuko Imana yumviriza amasengesho yacu, hamwe twoyisaba ibintu tuzi ko itipfuza ko dukora canke ko turonka. Nk’akarorero, Yehova yoba yokwishura amasengesho umukinyi w’akamari amutura amusaba amahirwe yo gutsinda, kandi we ubwiwe yiyamiriza umwina be n’ukwemera ibijanye n’igihamana? (Yesaya 65:11; Luka 12:15) Vyoba bitumvikana kwitega ko Yehova yokwishura ayo masengesho. Kugira ngo Imana yumvirize amasengesho tuyitura, dutegerezwa kwiyemeza neza ko ivyo tuyisaba bihuye n’ivyo itubwira muri Bibiliya.

Indongozi y’idini iriko isengera abasoda.

“Uwica amatwi ngo ntiyumve itegeko, mbere n’isengesho ryiwe ni ikintu giteye ishishi.”​—Imigani 28:9.

Mu bihe vya kera, Imana yaranse kwishura amasengesho y’abatakurikije amategeko yayo agororotse. (Yesaya 1:15, 16) Imana ntiyahindutse. (Malaki 3:6) Nimba twipfuza ko Imana yishura amasengesho yacu, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubeho twisunga amategeko yayo. Bite hoho nimba muri kahise twarakoze ibintu bibi? Vyoba bisobanura ko Yehova atazokwigera atwumviriza? Habe namba! Nitwigaya tukongera tugakora ibishoboka vyose kugira ngo duhimbare Imana, izotubabarira ibigiranye urukundo.​—Ivyakozwe 3:19.

“Uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.”​—Abaheburayo 11:6.

Umugore ariko asoma Bibiliya.

Isengesho si ikintu gituma gusa dutekana igihe turi mu ngorane. Dusenga Imana kugira ngo tuyereke ko tuyizera, kandi ko tuyikunda. Umwigishwa Yakobo yavuze ko hamwe ‘tutoguma dusaba twizeye, tutokwitega ko hari ico tuzohabwa na Yehova.’ (Yakobo 1:6, 7) Kugira ngo turushirize kwizera Imana, dutegerezwa gufata umwanya, tukagira n’akigoro ko kuyimenya mu kwiga Bibiliya. Aho ni ho tuzomenya ivyo igomba tukongera tukayisenga twizigiye ko itwumviriza.

NTUCIKE INTEGE!

Naho hariho amasengesho Imana itishura, irumviriza ikongera ikishura amasengesho abantu amamiliyoni bayitura babikuye ku mutima. Bibiliya irakwereka ivyo wokora kugira ngo amasengesho yawe ahimbare Imana. Turabibona mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika