ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Ntwarante rup. 13
  • Ukuntu twokoresha amavidewo afasha abantu kwiga Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu twokoresha amavidewo afasha abantu kwiga Bibiliya
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico Amavidewo Ashikako mu Gushinga Intahe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Ntwarante rup. 13
Mushiki wacu ariko arereka umugore umwe ividewo “Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?​—Ndende” mu kuma kiwe.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ukuntu twokoresha amavidewo afasha abantu kwiga Bibiliya

Turafise amavidewo ane dukoresha mu ndimiro afasha abantu kwiga Bibiliya. Imwe yose muri zo ifise intumbero iyihe?

  • Ividewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?—Ndende yagenewe gutuma umuntu ashimishwa na Bibiliya naho yoba ava mw’idini irihe. Iremesha abayiraba kurondera muri Bibiliya inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima, ikongera ikerekana uburorero bukeya bw’inyishu zumvikana Bibiliya itanga. Irasigura ingene umuntu yosaba kwiga Bibiliya.

  • Ividewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? (ngufi) imeze nk’iyo ndende ariko ibivugwamwo ni nk’ica gatatu cayo. Irashobora kuba ngirakamaro cane mu turere aho usanga abantu bafise umwanya muto.

  • Ividewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya yagenewe kuvyurira abantu ugushimishwa kugira bemere ko tubigisha Bibiliya ku buntu kandi irishura ibibazo bimwebimwe bijanye no kwiga Bibiliya, harimwo n’ingene bosaba kwiga.

  • Ividewo Kaze wige Bibiliya yateguwe kugira tuyereke abo twigisha Bibiliya. Naho iyo videwo iboneka ku rupapuro rwa kabiri mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera, woshobora kuyerekana igihe uganira n’uwo wigisha Bibiliya mu gatabu Kwiberaho ibihe bidahera. Iyo videwo irerekana ibigize igitabu be n’ivyo uwuriko ariga Bibiliya yokwitega kwungukira mu vyigwa.

Naho buri videwo yateguwe ku bw’intumbero kanaka, iyo ari yo yose muri zo woshobora kuyereka abantu canke ukayibarungikira igihe bibereye. Abamamaji baremeshwa kumenya neza izo videwo no kuzikoresha neza mu ndimiro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika