ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Munyonyo rup. 9
  • Bashiki bacu borushiriza gute gukorera Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bashiki bacu borushiriza gute gukorera Yehova?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Woba ufata abagore nk’uko Yehova abafata?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • ‘Abagore Bakora Cane mu Mwami’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ingene wokwagura umurimo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Munyonyo rup. 9
Udufoto: Bashiki bacu bariko bakora imirimo bitandukanye baryohewe. 1. Mushiki wacu ari mu ndimiro. 2. Mushiki wacu ariko akorera mu bwubatsi. 3. Mushiki wacu ariko asukura Ingoro y’Ubwami. 4. Mushiki wacu ariko yereka uwundi mushiki wacu yitereye mu myaka ukuntu yokoresha tablette. 5. Mushiki wacu ariko afasha agakobwa kiwe gutanga inyishu kw’ikoraniro. 6. Bashiki bacu babiri bariko bamamaza mu gihe c’imbeho nyinshi.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bashiki bacu borushiriza gute gukorera Yehova?

Bashiki bacu baragira ikintu kinini baterereye ku gikorwa c’Ubwami. (Zb 68:11) Barayobora inyigisho nyinshi za Bibiliya kandi bagize igice kinini c’abatsimvyi basanzwe. Bashiki bacu ibihumbi b’abanyamwete ni abanyabeteli, abamisiyonari, abitanga mu bwubatsi, abubatsi n’abahinduzi. Bashiki bacu bahumuye barakomeza imiryango yabo n’amashengero. (Img 14:1) Naho bashiki bacu badashobora kuba abakurambere canke abakozi b’ishengero, hariho imigambi bokwishingira mw’ishengero. Nimba uri mushiki wacu, bimwebimwe mu vyo wokora mu ntumbero yo kurushiriza gukorera Yehova ni ibihe?

  • Gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana.​—1Tm 3:11; 1Pt 3:3-6

  • Gufasha bashiki bacu bo mw’ishengero bataramenya utuntu n’utundi.​—Tt 2:3-5

  • Kwongereza umwanya umara mu ndimiro no kuryohora ubusuku bwawe

  • Kwiga urundi rurimi

  • Kwimukira ahari inkenero

  • Gusaba gukorera kuri Beteli canke gufasha mu bwubatsi

  • Gusaba kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO “ABAGORE BAKORA CANE MU MUKAMA,” MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

  • Ivyavuzwe n’umwe wese muri abo bashiki bacu vyakuremesheje gute?

Bashiki bacu batatu bavuzwe mw’ividewo ivuga ngo “Abagore bakora cane mu Mukama.”
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika