ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Nzero rup. 7
  • Amahwaniro ya buri mwaka ni akaryo ko kugaragaza urukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amahwaniro ya buri mwaka ni akaryo ko kugaragaza urukundo
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arakoranya abasavyi biwe bahimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Dutandukanijwe n’ururimi, ariko urukundo rutuma twunga ubumwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Imfungurwa zo mu vy’impwemu mu gihe kibereye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Yehova arazi ivyo dukeneye
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Nzero rup. 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Amahwaniro ya buri mwaka ni akaryo ko kugaragaza urukundo

Abitavye ihwaniro mpuzamakungu bo mico kama itandukanye bahagaze hamwe kugira bifotoze.

Kuki dukunda cane amahwaniro tugira buri mwaka? Cokimwe no muri Isirayeli ya kera, ayo mahwaniro araturonsa kenshi akaryo ko gusenga Yehova turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera amajana canke mbere ibihumbi. Turaryoherwa n’inzimano umukimba z’ivy’impwemu turonka. Vyongeye, turahimbarirwa ikiringo c’agaciro tumarana n’incuti be n’abagenzi. Kubera ko tubikenguruka cane, biratuma twitaba imisi yose y’ihwaniro uko ari itatu.

Igihe turonse akaryo ko gukoranira hamwe n’abandi, ntidukwiye kwiyumvira gusa ingene ubwacu twohungukira, ariko turakwiye kwiyumvira n’ingene twogaragariza abandi urukundo. (Gl 6:10; Heb 10:24, 25) Iyo twirinze kuzibira inzira canke igihe dufashe ibibanza dukenera gusa, tuba twerekanye ko twitwararika ineza y’abandi. (Fp 2:3, 4) Amahwaniro araturonsa uturyo twiza two kuronka abagenzi bashasha. Imbere canke inyuma ya programa no mu gihe c’akaruhuko, turashobora kwishingira umugambi wo kumenyana n’abo tutazi. (2Kr 6:13) Ubugenzi dutsimbataza muri ivyo biringo burashobora kuba ubw’ibihe bidahera! N’ikiruta vyose, igihe abatwitegereza babona ingene dukundana vy’ukuri mu vyo dukora, boshobora gufata ingingo yo kwifatanya natwe mu gukorera Yehova.​—Yoh 13:35.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO AMAHWANIRO MPUZAMAKUNGU YATAZIRIWE NGO “URUKUNDO NTIRWIGERA RUNANIRWA”!, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo “Amahwaniro mpuzamakungu yataziriwe ngo ‘Urukundo ntirwigera runanirwa’!” Abavuye mu bindi bihugu be n’abavukanyi na bashiki bacu b’abasangwa bariko bagumbirana bongera bahana ikaze kw’ihwaniro mpuzamakungu.

    Abitavye amahwaniro mpuzamakungu yo mu 2019 bavuye mu bindi bihugu, babagaragarije urukundo gute?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo “Amahwaniro mpuzamakungu yataziriwe ngo ‘Urukundo ntirwigera runanirwa’!” Abavukanyi na bashiki bacu b’abasangwa bahagararanye n’abashitsi kugira bifotoreze hamwe.

    Kubera iki ubumwe n’urukundo biranga abasavyi ba Yehova ari imbonekarimwe?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo “Amahwaniro mpuzamakungu yataziriwe ngo ‘Urukundo ntirwigera runanirwa’!” Umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu bo muri Koreya bafise icapa co gutanga ikaze bongera bapepera abashitsi baje kw’ihwaniro.

    Abagize Inama Nyobozi bashimitse ku mice iyihe y’urukundo rwa gikirisu?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo “Amahwaniro mpuzamakungu yataziriwe ngo ‘Urukundo ntirwigera runanirwa’!” Akigeme karyohewe gafise Bibiliya y’isi nshasha gahejeje kuronka.

    Ushobora gute kugira ico uterereye ku rukundo rurangwa ku mahwaniro yacu?

    Ni gute urukundo rwa gikirisu rwatumye abavukanyi bunga ubumwe mu Budagi no muri Koreya y’Epfo?

  • Dukwiye kwiyemeza iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika