UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 12
Ico Pasika isobanura ku Bakirisu
Kugira Abisirayeli birinde ingeramizi z’icago c’icumi, vyari bihambaye ko bagamburuka ivyo Yehova yabategetse. (Kv 12:28) Mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani, imiryango y’Abisirayeli yabwirizwa gukoranira mu mazu yabo. Bategerezwa kubaga umwagazi w’isuguru w’intama canke w’impene, utagira agahonzi kandi umaze umwaka umwe. Babwiriza guca bamijagira amaraso y’uwo mwagazi hejuru y’umuryango no ku bishimaryango. Mu nyuma, bategerezwa kwotsa uwo mwagazi wose uko wakabaye, maze bakawurya banyarutsa. Nta n’umwe yarakwiye kuva mu nzu yiwe gushika mu gitondo.—Kv 12:9-11, 22.
Ni mu buryo ubuhe kugamburuka bidukingira muri iki gihe?