ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Ntwarante rup. 7
  • Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Koresha amavidewo mu kwigisha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Nukoreshe amavidewo mu kwigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Isubiramwo ry’igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Ntwarante rup. 7
Mushiki wacu ariko arereka ividewo uwo yigisha Bibiliya

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Koresha amavidewo mu kwigisha inyigisho za Bibiliya

Ibintu umuntu abona biramukwegera cane, bikanamufasha gutahura ivyo yize no kuvyibuka. Yehova wa Mwigisha Ruheta, yarabikoresheje kugira yigishe ivyigwa bihambaye. (It 15:5; Yr 18:1-6) Na Yezu wa Mwigisha Ahambaye yarabikoresheje. (Mt 18:2-6; 22:19-21) Amavidewo ni kimwe mu bintu vyabaye ngirakamaro cane muri iyi myaka. Woba uyakoresha neza igihe uyobora inyigisho za Bibiliya?

Harateguwe amavidewo 10 adufasha kwigisha ivyigwa vyo mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Muri rusangi, buri videwo ifise umutwe uhuye na kimwe mu bibazo biri mu ndome zizize dusanga muri ako gatabu. Mu nteguro y’ako gatabu yo kuri jw.org, harimwo utumenyetso umuntu yofyondako tumwibutsa igihe yokwerekana buri videwo. Vyongeye, hariho n’ayandi mavidewo yunganira ivyigwa vyo mu bindi bitabu dukoresha mu kwigisha Bibiliya.

Mwoba muriko muriga n’inyigisho yawe icigwa kimugora gutahura? Canke uwo wigisha yoba ariko arashikirwa n’ikigeragezo kanaka? Ja mu mavidewo yo kuri jw.org® canke kuri Televiziyo ya JW®, urondere iyomufasha. Mwoshobora kuyirabira hamwe mugaca muyiganirako.

Buri kwezi hama hasohoka amavidewo mashasha. Igihe uzoba uriko urayaraba, uraza uriyumvira ingene woyakoresha mu kwigisha abandi.

AMAVIDEWO YUNGANIRA IVYIGWA VYO MU GATABU INKURU NZIZA

  • Ividewo ivuga ngo Imana yoba ifise izina?

    Icigwa ca 2

    Imana yoba ifise izina?

  • Ividewo ivuga ngo Bibiliya ikomoka kuri nde?

    Icigwa ca 3

    Bibiliya ikomoka kuri nde?

  • Ividewo ivuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

    Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

  • Ividewo ivuga ngo Kubera iki Yezu yapfuye?

    Icigwa ca 4

    Kubera iki Yezu yapfuye?

  • Ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana yaremye isi?

    Icigwa ca 5

    Kubera iki Imana yaremye isi?

  • Ividewo ivuga ngo Abapfuye bamerewe gute?

    Icigwa ca 6

    Abapfuye bamerewe gute?

  • Ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

    Icigwa ca 7

    Ubwami bw’Imana ni iki?

  • Ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?

    Icigwa ca 8

    Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?

  • Ividewo ivuga ngo Imana yoba yemera amadini yose?

    Icigwa ca 10

    Imana yoba yemera amadini yose?

  • Ividewo ivuga ngo Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

    Icigwa ca 12

    Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika