UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ivyigwa dukura mu gitabu ca Yona
Yehova yarashize mw’Ijambo ryiwe inkuru z’abagabo n’abagore b’abizigirwa kugira tuzikuremwo ivyigwa bihambaye. (Rm 15:4) Ni ivyigwa ibihe wakuye mu gitabu ca Yona? Raba akavidewo kavuga ngo Ugusenga kwo mu muryango: Yona yarigiye kuri Yehova ibijanye no kugira imbabazi, uce wishura ibibazo bikurikira:
Abamamaji batatu bavugwa muri aka kavidewo bahuye n’ingorane izihe?
Nimba twaratojwe indero canke tutagifise uduteka kanaka, igitabu ca Yona kituremesha gute? (1Sm 16:7; Yn 3:1, 2)
Inkuru ya Yona idufasha gute kuguma tubona neza icibare cacu? (Yn 4:11; Mt 5:7)
Ivyashikiye Yona vyoturemesha gute igihe turiko turashikirwa n’ingorane ziva ku ndwara idakira? (Yn 2:1, 2, 7, 9)
Aka kavidewo kakwigishije iki ku bijanye n’akamaro ko gusoma Bibiliya no kuyizirikanako?