Abamamaji bariko baratanga agatabu Inkuru nziza muri Azerbayijani
Ingene twotanguza ibiyago
BE MASO!
Ikibazo: Twokoresha gute umwanya wacu mu buryo bwiza?
Icanditswe: Ums 4:6
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana impanuro nziza cane zodufasha kuraba ivyo twoshira imbere y’ibindi.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Kubera iki turiho?
Icanditswe: Zb 37:29
Iciyumviro: Imana yaturemye kugira tube kw’isi ibihe bidahera.
INKURU NZIZA IVA KU MANA (fg)
Ikibazo: Wibaza ko ari hehe twokura inkuru nziza? [Mwereke akavidewo Woshima kumenya inkuru nziza?]
Icanditswe: Yes 52:7
Ivyo wovuga: Aka gatabu karaduha “inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta” kubera karimwo ubutumwa buva muri Bibiliya.
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.