Kubungabunga Ingoro y’Ubwami mu Buswise
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Intangamarara: Mu nkuru zivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, iyivuga ibijanye n’ifarasi zine n’abazigenderako irazwi cane. Bamwe irabatera ubwoba, abandi na bo bakipfuza kumenya ico isobanura.
Icanditswe: Ivy 1:3
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirerekana igituma iyo nkuru yoduhumuriza.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Woba wibaza ko bishoboka yuko tumenya ico kazoza katubikiye?
Icanditswe: Yes 46:10
Iciyumviro: Imana iraduhishurira kazoza biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya.
URUGO RWANYU RURASHOBORA KUGIRA AGAHIMBARE (hf)
Intangamarara: Turiko turerekana aka kavidewo gatoyi kavuga ivy’imiryango. [Nuce werekana akavidewo kajanye n’agatabu Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare.]
Ivyo woca uvuga: Nimba woshima gusoma agatabu kavuzwe muri aka kavidewo, ndashobora kukaguha ku buntu canke nkakwereka ingene wokavoma ku rubuga rwacu.
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.