ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Ndamukiza rup. 5
  • Urashobora kuremesha uwahororokewe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kuremesha uwahororokewe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ntukibagire abahororokewe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Nimungarukeko”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nubafashe bagaruke mu maguru masha!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nufashe abazimira bakaja kure y’ubusho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Ndamukiza rup. 5

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urashobora kuremesha uwahororokewe

Umwungere ariko agerageza gutabara intama yazimiye

Buri mwaka, abahororokewe benshi baritaba Icibutso. Bari baratanguye isiganwa ry’ubuzima ariko mu nyuma barahororokerwa ku bw’imvo zitandukanye. Zimwe muri zo ziravugwa mu gatabu Nugaruke kuri Yehova. (Heb 12:1) Naho ari ukwo, baguma ari ab’agaciro imbere ya Yehova kuko yabaguze amaraso y’Umwana wiwe. (Ivk 20:28; 1Pt 1:18, 19) Twobafasha gute kugaruka mw’ishengero?

Abakurambere mw’ishengero baragerageza kurondera no gufasha abahororokewe, nka kurya nyene umwungere arondera akobeje intama ziba zazimiye. (Lk 15:4-7) Ivyo vyerekana urukundo Yehova abafitiye. (Yr 23:3, 4) Si igikorwa c’abakurambere gusa, twese twoshobora gufasha. Twigoye tukabagaragariza ubuntu kandi tukerekana ko tubatahura, birahimbara Yehova kandi birazana ivyiza vyinshi. (Img 19:17; Ivk 20:35) Niwiyumvire rero uwo woremesha kandi ubigire udatebaganye.

Laura ariko ararabira mw’idirisha. Abbey ariko arasenga. Abbey na Laura bagumbiranye, mu nyuma bakifotoza

RABA VIDEWO IVUGA NGO REMESHA ABAHOROROKEWE, MUCE MUGANIRA KURI IBI BIBAZO:

  • Ni ibiki Abbey yibwirije gukora igihe yahura n’Icabona ca Yehova atari azi?

  • Kubera iki dukwiye kwegera abakurambere nimba dushaka gufasha umuntu yahororokewe?

  • Abbey yiteguye gute igihe yasubira kugendera Laura?

  • Abbey yagaragaje gute ukwumira kw’ibanga, ukwihangana n’urukundo igihe yariko afasha Laura?

  • Ikigereranyo ca Yezu dusanga muri Luka 15:8-10 kitwigisha iki?

  • Utwigoro twose twagizwe mu gufasha Laura twavuyemwo ivyiza ibihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika