UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nufashe abana bawe barushirize kwizera Umuremyi
Ivyaremwe bitangaza ubuninahazwa bwa Yehova. (Zb 19:1-4; 139:14) Ariko isi ya Shetani yoyo ikwiragiza inyigisho zisiga iceyi Imana ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima. (Rm 1:18-25) None wokora iki kugira ukingire abana bawe ntibandukirwe n’izo nyigisho? Nubafashe kuva bakiri bato kugira barushirize kwizera ko Yehova abaho kandi ko abitaho. (2Kr 10:4, 5; Ef 6:16) Numenye ivyo biyumvira ku bijanye n’ivyo babigisha kw’ishure, maze ukoreshe ibikoresho bitandukanye dufise kugira ubakore ku mutima.—Img 20:5; Yak 1:19.
NIMURABE AKAVIDEWO KAVUGA NGO IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA—KWEMERA IMANA, MAZE MUCE MUGANIRA KURI IBI BIBAZO:
Abantu bakunze kuvuga iki ku bijanye no kwemera Imana?
Kw’ishure iwanyu babigisha ibiki?
Ni ibiki bikujijura ko Yehova abaho?
Wofasha gute umuntu gutahura ko Imana ari yo yaremye vyose?