ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Ruheshi rup. 3
  • Niwizigire Yehova, ukore iciza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwizigire Yehova, ukore iciza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nuhimbarwe cane na Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Zaburi 37:4: «Nezerwa n’Umukama»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Niwizigire Yehova uko umuhero wegereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Ruheshi rup. 3

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 34-37

Niwizigire Yehova, ukore iciza

“Ntiwumvire agashari abakora ibitagororotse”

37:1, 2

  • Ntureke ngo ugutunganirwa kw’igihe gito kw’abanyakibi kuguteshe gukorera Yehova. Gumiza umutima ku mihezagiro yo mu buryo bw’impwemu no ku migambi y’ivy’impwemu

“Niwizigire Yehova, ukore iciza”

37:3

  • Niwizigire ko Yehova azogufasha niwagira amakenga canke amaganya. Azogufasha kuguma uri umwizigirwa

  • Guma wamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana

“Nusoserwe na Yehova”

37:4

  • Tegekanya umwanya wo gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako ufise intumbero yo kurushiriza kumenya Yehova

“Nuragize Yehova inzira yawe”

37:5, 6

  • Niwizigire udakeka ko Yehova azogufasha mu ngorane iyo ari yo yose

  • Gumana inyifato nziza igihe bakurwanije, baguhamye canke bakwambitse ibara

“Guma ucereje imbere ya Yehova, umurindire ubishashaye”

37:7-9

  • Ntiwihutagize ngo ukore ivyotuma utakaza umunezero, bikageramira n’ubucuti ufitaniye na Yehova

“Abatekereza bazokwigabira isi”

37:10, 11

  • Nutekereze, wicishe bugufi urindire ko Yehova akuraho akarenganyo kose kagushikira

  • Nufate mu mugongo abo musangiye ukwizera. Nuremeshe abihebuye mu kubabwira ivyerekeye isi nshasha Imana yasezeranye igiye kuza

Umumarayika ashanje amaboko hejuru y’isi yabaye Iparadizo

Ubwami bw’Imana buzotuzanira ivyiza bitagira uko bingana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika