Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
“Woba urigera wibaza aho izina Ivyabona vya Yehova rikomoka? [Rindira yishure.] Inyishu tuyisanga muri Bibiliya, aho Imana ihishura izina ryayo. [Soma Zaburi 83:18.] Kubera ko turi Ivyabona vya Yehova, turamamaza inkuru nziza imwerekeye be n’umugambi afitiye abantu. Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirabeshuza ivyiyumviro vyinshi bitari vyo abantu benshi bavuga ku bitwerekeye.”
Be maso! Nyakanga
“Abantu nka bose baremera ko dukeneye amahera kugira tubeho. Woba ubona ko birimwo ingorane kuguma umuntu arazwa ishinga n’ivyo kurondera amahera? [Rindira yishure.] Raba ukuntu Bibiliya itugabisha. [Soma 1 Timoteyo 6:9.] Iki kinyamakuru kirasigura ingene twobona amahera mu buryo buri ku burimbane.”