Ukwiyigisha Bibiliya be n’ukuyiga mu muryango birahambaye cane!
1. Ni igiki Inama Nyobozi yitwararika cane ku bitwerekeye muri iki gihe, kandi kubera iki?
1 Nka kumwe kwo mu kinjana ca mbere, Inama Nyobozi iritwararika cane ukumererwa neza kw’abasavyi ba Yehova. (Ibik. 15:6, 28) Uko ya makuba ahambaye arushiriza kwegereza, birahambaye cane ko umwamamaji w’Ubwami wese agiranira na Yehova ubucuti bukomeye. Mbega uzokoresha gute wa mwanya wahora uhariwe Inyigisho y’igitabu y’ishengero? Twese turemeshwa gukoresha uwo mwanya ku bw’ugusenga kwo mu muryango. Dukoresheje uwo mwanya tubigiranye ubukerebutsi, bizodufasha kwiga twitonze Ijambo ry’Imana ryahumetswe duheze twungukire ku nyigisho ziri muri ryo.—Zab. 1:1-3; Rom. 11:33, 34.
2. Twoshobora gute gutunganya umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango wacu?
2 Umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango: Abahagarariye imiryango baremeshwa kurangura ibanga Yehova yabajeje rijanye no kwiyemeza neza yuko umuryango wabo ugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza kandi ko uyigira mu buryo ngirakamaro. (Gus. 6:6, 7) Abavukanyi be n’abavukanyikazi b’abirebange badafise imiryango bitwararika bazoshobora gukoresha uwo mwanya mu kwiyigisha Bibiliya no mu kugira ubushakashatsi. Birahambaye cane ko twese ‘twicungurira umwanya ubereye’ wo kwiga no kuzirikana kugira ngo tugumane ubucuti bukomeye na Yehova naho turi mu ‘misi mibi.’—Ef. 5:15, 16.
3, 4. Ni inama izihe zatanzwe ku bijanye n’ibiganiro twokoresha, kandi ni intumbero iyihe twoba dufise ku muzirikanyi?
3 Ivyo mworimbura: Ca gitabu c’ironderero Index des publications Watch Tower canke ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu citwa Watchtower Library kiri ku kadisiki CD-ROM vyoshobora kubafasha gutora amayagwa azotuma ibiringo vy’inyigisho yanyu ya Bibiliya biba ibihimbaye. Imiryango yoshobora kurimbura ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi, nka bimwe bikunze kuza birasohorwa bivuga ngo “Ibintu nyamukuru vyotuma mu rugo haba agahimbare,” “Niwigishe abana bawe” be n’ibivuga ngo “Ku bw’urwaruka rwacu.” Vyongeye, ikinyamakuru Réveillez-vous! kirimwo urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Urwaruka ruribaza” be n’ibiganiro bikora ku mutima vyerekeye ibitangaza vy’irema.
4 Ugusomera hamwe Bibiliya mutihutagiza birashobora gutuma ingingo ngenderwako be n’ivyigwa Imana itanga vyinjira mu mitima y’abagize umuryango bose. (Heb. 4:12) Mu bindi bihe na ho, mwoshobora kuraba mukongera mukaganira kuri imwe mu mavidewo yasohowe n’ishirahamwe ryacu. Hariho uburyo bwinshi mushobora guhitamwo ivyo mwiga be n’uburyo bwo kuvyiga. Mubona gute mubajije abagize umuryango wanyu boshima ko mwiga?
5. Ni kubera iki ukwiyigisha Bibiliya be n’ukuyiga mu muryango bihambaye cane mu buzima bwacu muri iki gihe?
5 Igituma bihambaye cane muri kino gihe: Nitwikomeza mu buryo bw’impwemu, bizotuma twitegurira ‘guhagarara dushikamye maze tubone ubukiriro bwa Yehova.’ (Kuv. 14:13, NW) Abavyeyi barakeneye ubuyobozi buva ku Mana kugira ngo barere abana babo “[muri iri] yaruka rihetamye kandi rigoramanze.” (Flp. 2:15) Abana barakeneye gufashwa kugira ngo bavyifatemwo neza mu bijanye n’inyifato runtu yononekaye irangwa mu mashure ya kino gihe. (Imig. 22:3, 6) Ababiranye biraba vyiza bakomeje “igitsibo c’imigozi itatu” hagati yabo na Yehova. (Umus. 4:12) Nimuze rero dukoreshe umwanya dusigaranye tubigiranye ubukerebutsi, kugira ngo twiyubake ku “kwizera kwacu kweranda rwose”!—Yuda 20.