ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/08 rup. 1
  • Twamamaze tudatezura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twamamaze tudatezura
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bazokwumva gute?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Igituma tuza turasubirayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 6/08 rup. 1

Twamamaze tudatezura

1 Vyoshobora gushika tukabona ko icibare twakebewe kimaze gukorerwamwo incuro n’izindi kandi mu buryo bunogangije, mugabo bikaba vyavuyemwo ikintu gito cane. Naho ari ukwo, hariho imvo zikomeye zotuma tuguma twamamaza.—Mat. 28:19, 20.

2 Kugira ngo bibe intahe: Yezu yari yaravuze ko igikorwa co kwamamaza Ubwami cobaye umuce uhambaye wa ca kimenyetso kigizwe na vyinshi c’ “insozero y’ivy’isi” be n’uko cokozwe “ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:3, 14) Igihe abantu batubona turiko turamamaza inkuru nziza y’Ubwami, intahe ikomeye iba iriko irashingwa. Tumaze kuva mu cibare tuba twakoreyemwo, abantu bamwebamwe boshobora kumara amasaha canke imisi bavuga ibijanye n’ukuba twamye iwabo, naho nyene baba batumviri- je ubutumwa twari tubashiriye. Gutahura imvo zituma tuja mu busuku, biradufasha kwumira kw’ibanga. Turahimbara Yehova mu kugira uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya mu gushinga intahe no mu gusamiriza ubutumwa bw’imburi.—2 Tes. 1:6-9.

3 Birakenewe ko twumira kw’ibanga: Kubera yuko hari ibintu vyinshi bisamaza abantu be n’ibibatwara umwanya, birakenewe ko twumira kw’ibanga igihe tugira akigoro kugira tubavyurire ugushimishwa. Hari umukenyezi umwe yamaze umwaka agenderwa ku ndwi ku ndwi n’Ivyabona, imbere yuko afata ingingo yo kubaha ikaze mu nzu iwe ngo bayage ku vya Bibiliya. Yarashimishijwe cane n’ivyo yumvise, ku buryo yemeye inyigisho ya Bibiliya, aratangura kwitaba amakoraniro maze bidatevye aserura icipfuzo co kubatizwa.

4 Uko ivy’isi vyifashe kuguma guhinduka ningoga, eka n’abantu ni ukwo nyene. Abantu benshi bigeze kudutera akagere tubagendeye, ubu boshobora kwakira neza icizigiro kiruhura tubabwira. Naho umuntu umwe rudende yoba ari we yakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami, ukwumira kw’ibanga kwacu ntikuba kubaye impfagusa.

5 Kw’isi yose, abantu ‘banihishwa n’ibizira vyose bikorwa bikabariza’ bagenda bararushiriza kuba benshi. (Ezk. 9:4) Ivyamwa vy’Ubwami biriko bigaragaza yuko abantu b’imitima igororotse bariko barakira neza ubutumwa bw’Ubwami. (Yes. 2:2, 3) Ku bw’ivyo, nimuze tubandanye kwamamaza tudatezura, mu kwumira kw’ibanga igihe “[tu]zana inkuru nziza z’ivyiza.”—Yes. 52:7; Ibik. 5:42.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika